Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > OP1 Nkurikiye Pierre > amasanamu > Intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yasohoye isanamu y’ururirimbo rukurikira (...)
Intwazangabo mu giporisi c’Uburundi yasohoye isanamu y’ururirimbo rukurikira "Cinjire"
mercredi 10 Nyakanga 2014
Umuririmvyi OP1 Pierre Nkurikiye yasohoye isanamu ije yunganire "Cinjire". Iyo ntwazangabo mu gipolisi c’Uburundi akaba n’umuririmvyi, yasohoye isanamu y’ururirimbo "Ni Bwiza". Muri urwo ruririmbo, ashimagiza ubwiza bw’Uburundi.
- Umuririmvyi OP1 Pierre Claver Nkurikiye
OP1 Nkurikiye aririmba kw’izina rya N Peter yasohoye isanamu ije yuhirira iyaheruka y’ururirimbo"Cinjire". Iyo nshasha ni iy’ururirimbo "Ni Bwiza", N Peter avuga ko yashatse kuririmba ubwiza bw’Uburundi, ivyo bibonekera cane cane mu mashusho no mu majambo. Muri " Cinjire" yashaka kwerekana ko urwego rw’igiporisi ari nyabagendwa, ari naho yahamagarira urwaruka kwinjira muri rwego.
Muri iyo sanamu, N Peter aboneka yiravye ingwa iranga ibendera y’Uburundi, ahandi ibonekamwo ibintu bimwe bimwe vyaranga Uburundi aho hambere.
Irabire aha munsi isanamu y’ururirimbo "Ni Bwiza".
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Nyakanga 2014, 17:48, par Mama
Ndagukunda ntwazangabo yacu.
11 Nyakanga 2014, 08:25, par Kabizi
Urabaye akarorero Nkurikiye!Ese abo bene wantu unavugira bogufatirako akarorero bakareka kunyika abanyagihugu bari bajejwe gucungera!
11 Nyakanga 2014, 09:32, par jean marie misigaro
Ivyo bintu wavyigiye mw’iseminari I MUGERA muri classe de champ.Komera ubandanye utwereka nibindi .
11 Nyakanga 2014, 11:36, par lazare
komera mutama turagushigikiye!
29 Nzero 2015, 20:23, par ndikumana
ntakiryoshe nko kubona intwazangabo uririmbivyiza vyigihugu cacu nimpore!turikumwe nawe turagushigikiye mbere wize nabandi
18 Gitugutu 2016, 22:20, par NIYONKURU GERARD SHIKANKONI MUKAYANZA
BANDANYA MUTEZE IMBERE IGIHUGU CACU BANYAKWUBAHWA!!NANJE MFISE AMATSIKO YOKWINJIRA MUBISONGEREZI UNOMWAKA.