IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Intwazangabo zibiri mu gisirikare zatorotse igisirikare

Intwazangabo zibiri mu gisirikare zatorotse igisirikare

mardi 29 Nyakanga 2015

Major Emmanuel Ndayikeza icegera c’umukuru w’ikambi ya Muha,na colonel Edouard Nshimirimana ajejwe gutumatumanako amakuru mu gisirikare kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015 ntibabonetse ku mirimo ya minsi yose.Amakuru ava mu gisirikare amenyesha ko boba barataye akazi.

Umuvugizi w’igisirikare colonel Gaspard Baratuza avuga ko Major Emmanuel Ndayikeza yari ku kazi kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2015,ariko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 28 Nyakanga 2015 atatonze ku mirimo.

Ku makuru yavugwa ko Majoro Emmanuel Ndayikeza yoba yajanye n’abandi basirikare,col Gaspard Baratuza amenyesha ko atari vyo kuko n’abasirikare bari basanzwe bamucungerera ubuzima bakiri ku kazi kabo.

Colonel Gaspard Baratuza avuga ko bamaze kumenyesha ko iyo ntwazangabo mu gisirikare itatonze ku mirimo ku munsi wa mbere,ariko ko atawovuga ko yataye akazi kuko mu mategeko ivyo bivugwa mu gihe haheze iminsi umunani adatonda.

Mwomenya ko ikambi ya Camp Muha,iri mu makambi ariko yimurirwa mu gihugu hagati,aha n’inyuma yaho umukuru w’igihugu amenyeshereje ko iyo kambi iri mu makambi atunganirizwamwo gutembagaza ubutegetsi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.