Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyigisho ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’impinduka mu gisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inyigisho ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’impinduka mu gisata (...)

Inyigisho ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’impinduka mu gisata c’umutekano

vendredi 17 Nzero 2014

Umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru Leocadiya Nihazi yaruguruye icese ibikorwa vy’inyigisho ku bamenyeshamakuru, kuvyerekeye ukungene botanga amakuru ajanye n’igisata c’umutekano.

Abamenyeshamakuru 30 bava mu bimenyeshamakuru bitandukanye vyaba ivya Reta canke vy’abigenga, akaba aribo bakurikiranye izo nyigisho. Izo nyigisho zikaba zashizweho mu ntumbero yo kubamenyereza amategeko ajanye n’impinduka mu gisata c’umutekano, guha agaciro ivyo kunganisha igitsina hamwe n’amategeko yandi yo gutohoza inkuru ijanye n’ivyo umutekano.

Leocadie Nihazi umushikiranganji wo kumenyesha amakuru

Ku bw’umupfasoni Nihazi, igisata c’umutekano camaze igihe kinini gitinywa gukorakwo kuko ari gisata kigoye cane, ku buryo bisaba ubuhinga bujanye hamwe n’uko haba ugukorana kudasanzwe kugira umwe wese akore akazi kiwe atakwikekana, yaba abo bamenyeshamakuru canke abasanzwe bari muri ico gisata c’umutekano.

Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru yongeyeko, ko gukorana n’inzego z’umutekano vyaje hageze na cane cane ko, abateye igikumu ku masezerano yo gukorana bashimye gushiramwo yaba abasanzwe bakorera muri ico gisata bari muri Reta, canke n’abandi basanzwe nk’ibimenyeshamakuru. Uwo mushikiranganji yongeye ko ibimenyeshamakuru bitari ngaho gusa kugira bivuge ibitagenda neza ahubwo, ko bofasha no mu gutanga inyigisho ku banyagihugu mu kugira borohereze abajejwe intwaro, mu bikorwa vyabo vya minsi yose, hamwe n’igisata c’umutekano vy’umwihariko.

Umutekano rero ni igikorwa ca buri muntu wese, umushikiranganji Nihazi yasavye ibimenyeshamakuru hamwe n’abandi bafasha muri ico gisata guterera muri uwo mugambi uzotuma mbere n’isura y’igihugu ihinduka. Tubamenyeshe ko izo nyigisho zabaye nk’ishirwa mu ngiro zivyari vyasabwe mu ruganda rwabaye igenekerezo rya 22 munyonyo 2013. Muri urwo ruganda, bakaba basaba abarongoye ibimenyeshamakuru bitandukanye, ko abamenyeshamakuru nabo boza barakora ku vyerekeye intwaro ibereye mu gisata c’umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.