IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Michaël Jackson > Inyuma y’imyaka 5 Michael Jackson apfuye, indirimbo ziwe nshasha zigiye (...)

Inyuma y’imyaka 5 Michael Jackson apfuye, indirimbo ziwe nshasha zigiye gusohoka

mardi 1er Ndamukiza 2014

Urukwirikirane rw’indirimbo rwa nyuma rw’umuhisi Michael Jackson rugiye gusohoka hagati mu kwezi kwa Rusama. Urwo rukwirikirane rugizwe n’indirimbo umunani zitarigera zivuzwa.

Inyuma y’imyaka 5 umuririmvyi Michael Jackson apfuye, hari indirimbo yasize yanditse yongera azitwara mu nzu izihinyanyura, aho yari amaze nogushiramwo amajwi (audio). Urwo rukwirikirane rwahinyanyuwe n’inzu ihinyanyura amajwi n’amasanamu Epic Records yise "XSCAPE", rimwe mu mazina y’ururirimbo ruzosohoka kw’igenekerezo rya 13 Rusama rugizwe n’indirimbo 8. Amakuru atangwa na Epic Records amenyesha ko izo ndiririmbo ntizari bwigere zivuzwa na rimwe. Kuva rero kuri iryo genekerezo, izo ndirimbo zizoca zitangura kudandazwa kw’isi yose.

Mwomenyako kuva uwo muririmvyi yatanguje umugiho wa pop, kuva apfuye hari harasohotse mu mwaka w’2010, urundi rukwirikirane rw’indirimbo yapfuye yahejeje gukora. Epic Records yarwitiriye izina rya "Michael", rwari rugizwe n’indirimbo 9.

Fyonda aha munsi wumvirize rumwe mu ndirimbo ziwe "Billie Jean" rwakunzwe cane


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.