IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Michaël Jackson > Michaël Jackson n’abashaka ibisigi vyiwe

Michaël Jackson n’abashaka ibisigi vyiwe

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Imyaka 4 inyuma y’urupfu rwiwe, Michael Jackson ari hagati y’abantu bashaka gusangira ibisigi vyiwe.Umuryango wiwe usaba ko ishirahamwe AEG riwuha imiliyaridi 40 z’amadorari Kwihorana biguma bibandanya .Inyuma y’imyaka ine Michael jackson yitavye Imana ,urubanza rwiwe rwasubiye rukazomara amezi abiri.Urwo rubanza rukaba rwatanguye igenekerezo rya kabiri ndamukiza i los Angeles.

Inyuma yaho umuganga Conrad Murray yaciriwe mu mwaka wa 2011 imyaka ine y’umunyororo ahorwa ko yahaye umuti urenze witwa propofol ariwo woba waramuhitanye,ni AEG ishirahamwe rikora indirimbo ari naryo uwo mwami wa POP yari yemeranije naryo ko bazogirana ibiteramo mirongo itanu mu bwongereza i londres uwo muganga aguma ashinzwe akajisho n’incuti z’uwo muhisi.

JPEG - 20.8 ko

Uwo muryango wagiriza uwo muganga ko yagize ugusamara ,atamwitayeho .Gatarina nyina wa Jackson afise imyaka 82,hamwe n’abana b’uwo muririmvyi ,Prince Michael afise imyaka 16,Paris afise imyaka 14,Blanket afise imyaka 11 basaba imiriaridi 40 z’amadorari n’ukuvuga imiriaridi 31,1 z’amanyaburaya kuri rya shirahamwe ry’ubuhinyanyuro AEG bwari gufasha Michael jackson.Ayo mahera akaba angana n’amahera yose uwo muririmvyi yari kuronka iyaba akiriho .Ntibibaho,kuri ubwo buhinyanyuriro AEG bubona ko amateka y’uwo muririmvyi yariko atera amanuka.Ntakwafise abivuga yaramaze gusinya amasezerano.

Ibiganiro bikaba vyari bigizwe n’ubutumwa bimwe twita mail 250 zatowe na ‘’The los Angeles times’’ mu kwezi kwa Nyakanga 2012.Ubutumwa bagiye bararungikirana mu mwaka wa 2009 ,bwerekana ko abarongozi ba AEG bari biteguye gukora ibishoboka vyose kugira uwo muririmvyi yarasigaye agwaragurika kandi yari afise amadeni asubira kuririmba muri kuzunguruka ariyo tournee yise ‘’This is it’’.

‘’Michael Jackson ari mu cumba yugaye ,ananiwe yataye umutwe vyandikwa na Randy Philips ,umuyobozi w’ishami rimwe ry’igiteramo AEG .Hageze ko atangura kugira igiteramo ,yarafise ubwoba bwinshi .Aho rero uwundi mukuru yaciye yishura ngo’’ azohava agerageza gusivya ibiteramo vyiwe kuko ari ikinebwe kandi aguma ahindura ivyiyumviro mugabo ikibabaje ntaco yahindura yaramaze gushira igikumu ku masezerano.’’Kuva Michael jackson ,Gatarina yaragerageje gucungera amatunga y’abo buzukuru biwe bakiri bato batarakwiza imyaka 18 hamwe na muvyara wabo TJ ,umuhungu wa Tito jackson .Paris wewe arota gukina amareresi,Prince Michael we agirisha ikiganiro muri people entertainment Tonight aho ashobora kuboneka mu gakino 90210 Berverly Hills ;urunganwe rushasha.

Hagati muri uko kutumvikana ,abo bayabaga nabone ari ivyabona muri urwo rubanza bararindiriye kuzoronka ikintu ku mahera ya Michael jackson.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.