IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inyuma y’imyaka icenda abanyamulenge bagandaguwe, Rwasa arahakana ivyo (...)

Inyuma y’imyaka icenda abanyamulenge bagandaguwe, Rwasa arahakana ivyo yagirizwa

mercredi 14 Myandagaro 2013

Abanyamulenge bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabereye mw’ikambi yo mu Gatumba mu mwaka 2004, baributse ku munsi w’ejo kuwa kabiri imyaka icenda ababo bagandaguwe bunyamaswa, ariko baririnze gushikiriza amajambo. Bameneysheje ko kuvuga nta gaciro bifise, ko inyandiko zari ku vyapa bari bitwaje zikwiye.

Kuri ivyo vyapa, abo banyamulenge bagiriza Rwasa Agathon, yahoze ari umukuru wa FNL ko yoba yaragize uruhara mu bwicanyi bwahekuye abavyeyi benshi, busiga n’impfuvyi nyinshi. Kuri ivyo vyapa nyene, baraneguye kubona Rwasa Agathon yagirizwa ubwo bwicanyi atarafatwa. Ku ruhande rw’uwo yagirizwa, Rwasa Agathon kuri BBC yamiriye kure ivyo yagirizwa.

Mu gihe bariko bibuka ku ncuro y’icenda abaguye muri ubwo bwicanyi bwabereye mw’ikambi mu Gatumba bugahitana abanyamulenge bagera ku 160, Byagawa Agawuma aserukira abanyamulenge baba mu Burundi yamenyesheje ko kuba uwo munsi birinze kugira ijambo bavuga bibuka ababo bishwe, biterwa n’uko igihe bavugiye ata kamaro na kamwe vyagize kuko ata nyishu y’ibibazo bashikirije bigeze baronka.

Yagize ati “ Umunsi ubwo bwicanyi bwakorwa, abayobozi ba FNR yari itwarwa na Rwasa Agathon barasohoye itangazo, biciye ku muvugizi wawo Pasteri Habimana, biyemerera ko aribo bagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Gushika ubu, nta n’umwe yigeze abikurikirana, yaba Congo, Uburundi canke ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

N’aho Rwasa Agathon ariwe yagumye yagirizwa ko ariwe yakoze ubwo bwicanyi bwo mu Gatumba, umunsi atahuka mu gihugu inyuma y’imyaka itatu atawuzi irengero ryiwe, yarahakanye ko ata ruhara yigeze agira muri ubwo bwicanyi, ko vyobazwa Pasiteri Habimana kuko ari nawe yavyigamvye ku nsamirizi.

JPEG - 33.7 ko
Intatemwa y’ahashinguwe abanyamulenge baguye mw’ikambi y’impunzi mu Gatumba

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.