IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Isale : Abanyagihugu basaba kumenya ukuri kuri "ba rukoti" bamaze (...)

Isale : Abanyagihugu basaba kumenya ukuri kuri "ba rukoti" bamaze gufatwa

mercredi 12 Munyonyo 2014

Abanyagihugu bo ku musozi wa Rushaka basaba ko ukuri kwomenyekana ku musore yafatiwe kuri uwo musozi, avuga ko yaje ava i Kiliba Ondes.

Uwo musore Vianney Hakizimana avuga ko ava muri komine ya Muramvya, amenyesha ko yagiye muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ari kumwe n’abandi, ubu akaba yafatiwe mu nzu aho yari yinyegeje, ku musozi wa Rushaka muri komine ya Isale mu ntara ya Bujumbura. Uwo musore afise nk’imyaka irenga 20, akaba yaciye ashikirizwa abajejwe umutekano. Uwo musore rero akaba avuga ko yaje ava i Kiliba Ondes, akavuga ko mu gushika aho mw’Isale, yaciye mu misozi imwe imwe ya komine ya Musaga, agenda arihishahisha aho yari kumwe n’abandi.

Uwo rero yafashwe, abanyagihugu bakaba bavuga ko yoba ari mu bantu basigaye bitwa ba rukoti, abo nabo bakaba bagirizwa kugendana imipanga mw’ijoro, bakiba, bakica n’ayandi mabi akorwa n’abo bagenda bambaye ibikoti birebire.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.