Accueil > Amakuru > umutekano > Ishirahamwe PNUD ryakiranye umubabaro urupfu rw’umukozi waryo
Ishirahamwe PNUD ryakiranye umubabaro urupfu rw’umukozi waryo
lundi 9 Munyonyo 2015, par
Uwuserukira vy’imfatakibanza ishirahamwe mpuzamakungu PNUD mu Burundi amenyesha ko muri iryo shirahamwe bakiranye umubabaro mwinshi urupfu rw’umukozi wabo yagandaguriwe mu Kanyosha.
Babicishije ku muhora (Facebook) wa PNUD, iryo shirahamwe ririyamiriza ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu Burundi.
Uwo mukozi wa PNUD yishwe arashwe mu gitero cabaye kuri uwu wa gatandatu mu bunywero Au Coin des Amis mu Kanyosha.
Abantu bitwaje ibirwanisho bateye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishura iry’uw’Imana, mu bunywero buri muri zone ya Kanyosha.
Muri ico gitero cabaye muri ubwo bunywero "Au Coin des amis", umwe mu barokotse ariko yakomeretse ku kuguru, amenyesha ko abateye bari bambaye umwambaro w’igiporisi c’Uburundi.
Nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, niho abantu babiri bambaye impuzu z’igiporisi binjira muri ako kabare, bategeka abari hanze ko bokwinjira mu nzu. Bahejeje kwinjira baciye bategekwa kandi ko bwokwubika inda hasi, barabasaka, babaka amaterefone ngendanwa n’amafaranga, baca barabarasa. Ayo makuru akaba yemezwa na Jean-Bosco Girukwishaka aramutswa Kanyosha, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
IGIHE
Messages
9 Munyonyo 2015, 17:17, par bir_dragon
ese uwo mukozi pnb yishwde niki?
9 Munyonyo 2015, 21:02, par ROBAT
NDAHOJEJE UMURYANGO WABUZE BARATURA ARIKO TUHORO IMANA IZODUHORA
10 Munyonyo 2015, 23:44, par MATHOS
NTAGITANGAJE,IGISAGARA CACU GISIGAYE ARINZU Y’UBUBAGIRO