Accueil > Amakuru > umutekano > Ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein vyafashwe nka nkama muri (...)
Ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein vyafashwe nka nkama muri ONU
lundi 20 Ndamukiza 2015
Mu nama yagizwe n’akana ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano kw’isi, bakaba bafashe akanya baharira ku kibazo c’amatora mu Burundi, ndetse haca harasohorwa itangazo.
Muri iyo nama yabaye kuri uyu wa 16 Ndamukiza uwu mwaka, abagize akanama ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, bakaba basaba aberwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi bose, gushira imbere amahoro, yabonetse mu gihugu bigoranye. Abo bagize ako kanama, barashima umwitwarariko ufiswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, uwujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU Zeid Ra’ad Al Hussein, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Kikwete, umukuru w’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika Dlamini-Zuma, Reta y’Uburundi n’abandi bose baterera mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro.
Muri iyo nama, abagize akarwi ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, bakaba bavuga ko bafashe nka nkama ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein ku wa 15 Ndamukiza, aho yasavye inzego z’igihugu n’iz’umutekano, guhagarika vuba ibikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, abarongoye imigambwe nabo, bagafasha urwaruka rubayoboka kugira uruhara mu kwubaka n’amahoro, aho kurwigisha inzankano, n’amajambo atera ubwoba abandi.
- Zeid Ra’ad Al Hussein ajejwe agateka ka zina muntu muri ONU
Abo bagize akarwi ka ONU gashinzwe amahoro n’umutekano, basaba abanyeporitike bose kwirinda guhohotera abandi yaba imbere y’amatora, mu matora n’inyuma y’amatora, bagashigikira nyabuna amahoro. Ako kana, kababa kateye ivyatsi igikorwa kigayitse c’akarwi k’abantu bashatse kwica umukenyezi wa Agaton Rwasa arongoye FNL yigenga ku wa 15 Ntwarante, ndetse ako kanama kakaba kandi gatewe umutima uhagaze n’impunzi ziguma ziyongera mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi. Ako kanama, kakamenyesha ko kazoguma gakurikiranira hagufi Uburundi, n’ico cose coza gihungabanya amahoro yabonetse habanje guseseka amaraso y’abanyagihugu.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2015, 12:59, par kagunuza
Nkuru yaramaze kwiyambura umutamana w’amahoro, aho rero jewe novuga nti kenyera zigume uhangane n’amakungu yose. Ibihano navyone biriko biragwira ijoro n’umutaga kuri we n’ingendanyi z’inkozi z’ikibi ziwe.
20 Ndamukiza 2015, 13:01, par kubwayo
Twamenyeko hariko harigwa ishirwako rya SENTARE MPUZAMAKUNGU izocira imanza imbonerakure n’abategetsi ba cndd fdd
20 Ndamukiza 2015, 13:27, par SABUSHIMIKE
Abasoda b’uburundi nako imbonerakure ngo zahereye muri somalia, al shabab yabarashe ijoro ryose harokotse bakeyi cane. Abamenyeshamakuru bakaba babujijwe kuvuga ibitigiri vyahatikiriye. Imana ihoze abasigaye
20 Ndamukiza 2015, 14:38, par I
Sabushimike, ivyorero uvuze vyerekana kukunda u Burundi nabarundi!?.
20 Ndamukiza 2015, 16:35, par E!
Ikikintu ngoni Sabushimike!