IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Jabe: Abapolisi bazindukiye mu gikorwa co gusaka ibirwanisho

Jabe: Abapolisi bazindukiye mu gikorwa co gusaka ibirwanisho

lundi 10 Myandagaro 2015

Abapolisi batari bake bazindukiye mu gikorwa co gusaka muri quartier ya Jabe iri muri komine ya Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura,mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015.

Inyuma y’aho mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 9 Myandagaro humvikanye amasase menshi mu bice vya Jabe na Nyakabiga,abapolisi bazindutse gusaka,mu ntumbero yo kurondera ibirwanisho bihinyegeje.

Gushika igihe c’isaha zibiri ivyafatiwe muri izo quartier ntivyari bwamenyekane,ariko abanyagihugu bagatinya ko abapolisi bashobora gukoresha inguvu zirenze bigatuma haba ayandi mabi.

Mwomenya ko haheze igihe,humvikana amasase mu bice bimwe bigize igisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.