Accueil > Amakuru > umutekano > Jabe : Gerenade yatewe hafi y’ahakorera Interbank
Jabe : Gerenade yatewe hafi y’ahakorera Interbank
vendredi 27 Munyonyo 2015, par
Umuhingamo wo kuri uwu wa kane waranzwe n’umutekano muke utewe n’amasasu menshi yumvikanye inyuma ya gerenade yatewe iruhande y’ahakorera Interbank, ishami ryo kw’i Jabe.
Umwe mu banyagihugu badandariza mw’isoko ya Jabe amenyesha ko kubera ayo masasu na gerenade vyumvikanye nk’igihe c’isaha icenda, ibikorwa muri iyo soko ya Jabe vyaciye bihagarara.
Uwo munyagihugu avuga ko yiboneye abantu babiri harimwo umuporisi, bari bapfuye, akavuga ko boba bahitanwe n’iyo gerenade yatewe n’abantu batamenyekanye.
Igiporisi ntikiramenyesha ivyononekariye muri ayo masasu yumvikanye, n’iyo gerenade yatewe. Abantu batamenyekana igitigiri bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
IGIHE
Messages
27 Munyonyo 2015, 10:24, par bwacu
abarundi turihangana intambara mu Burundi yaratangiye none igeze no muntra zo hagati
27 Munyonyo 2015, 11:45, par Rukoco
@bwacu. Intambara abayikurura nibo izabanza guhitana. Kandi gufata ubutegetsi birahenda. Abo batera za grenade bazabyumva vuba kuko bazashirira kwicumu . Icyo nasaba leta y’uburundi ni ugushaka umuti abo bose bafatwa bagaterwa inshinge zo kuba ibigoryi nyuma bagapfa bahagaze .
28 Munyonyo 2015, 03:54, par SEVERIN
ABANYEPOLTK nibumvikane baduhe amaho bareke kuza barica abantu.
28 Munyonyo 2015, 03:56, par SEVERIN
ABANYEPOLTK nibumvikane baduhe amaho bareke kuza barica abantu.
2 Kigarama 2015, 11:33, par Jde Dieu Bizumuremyi
Muragabe Mwigumye Natwe Turinyuma Tuzomutsinda Vyanka Vyakunda Mwihangane