IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Jabe: Umuntu umwe yarishwe n’abantu bataramenyekana

Jabe: Umuntu umwe yarishwe n’abantu bataramenyekana

dimanche 13 Nyakanga 2015

Umutama w’imyaka 65 yarishwe n’abantu bataramenyekana ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015,muri zone ya Jabe,komine Mukaza.

Uwo mutama yishwe azwi kw’izina rya Zacharie Mukorumbone yari asanzwe aba muri quartier ya Jabe III,yishwe n’abantu bataramenyekana bamusanze aho yari asanzwe aba.

Amakuru ava mu babanyi biwe,amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015,abantu bari kw’ipikipiki nibo bamurashe,abanyagihugu bagerageje kubakurikira baca babateramwo grenade.

Mu gipolisi,babicishije ku cegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,avuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira bamenye uwakoze ubwo bwicanyi.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.