IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Juvent Nduwimana yoba yakuwe aho yari apfungiwe ajanwa mu nzira (...)

Juvent Nduwimana yoba yakuwe aho yari apfungiwe ajanwa mu nzira z’Uburaruko

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Juvent Nduwimana ari mu biyemereye ko ari mu bishe ababikira babatariyano, yakuwe aho yahora apfungiwe mu giporisi, aca ajanwa ahandi hantu.

Nk’uko amakuru ikinyamakuru IGIHE caronse abivuga, yakuwe mu giporisi aho yari apfungiwe, aca ajanwa mu nzira z’ibarabara riduga mu Buraruko bw’igihugu, acishijwe mu Kamenge. Juvent Nduwimana akaba yaheruka kuvugira mu gihugu ca Somaliya iyo yari kumwe n’abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri AMISOM, ko imbere y’uko akoreshwa mu kugandagura ababikira Olga, Lucia na Bernadette ababikira batatu b’abatariyanokazi, ko yamye akoreshwa mu bindi bikorwa yita ama "Missions", nk’iyo hari nk’ibikorwa vy’ubwicanyi bakaba bamwikorako. Mu bakunda kumutumako bamuha ivyo bikorwa akavuga Général Adolphe Nshimirimana, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "Ndakugarika". Amwe muri ayo mazina nyene yagumye agaruka mu bateguye ubwo bwicanyi, bwahitanye abo babikira batatu.

Ariko rero kuva Juvent Nduwimana avuze ko bamwe mu bihangange mu giporisi n’igendereza bari mu bafashije mw’iyicwa ry’abo babikira, akaba yaciye akurwa muri Somaliya ubutaraririye, umukuru w’ishirahamwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa, akamenyesha ko hari n’irementanya ry’uguhinduza Juvent NDUWIMANA ivyo yiyemereye, bikegekwa kubari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike ryari ryatanguye, aho yaguma agenderwa n’abantu batari bake, mbere hakagirwa n’utunama tujanye n’uguhinduza ivyo uwo Juvent yari yavuze akiri muri Somaliya.

Tukabamenyesha ko umukuru w’ikigo c’urwaruka co mu Kamenge Claudio Marano yari yatumweko mu butungane kugira yumvirizwe, inyuma yaho nawe nyene avugiwe na Juvent Nduwimana ko uwo mutariyano nawe, yitavye inama zo kugandagura abo batamakazi batatu Lucia, Bernadette na Olga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.