IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge: Umugore n’umugabo baritavye Imana barashwe

Kamenge: Umugore n’umugabo baritavye Imana barashwe

jeudi 13 Myandagaro 2015

Umugore n’umugabo biwe barishwe n’abantu bataramenyekana muri komine ya Kamenge,bavuye mu bunywero bwitwa Le Manguier buri kw’ibarabara rya Bujumbura- Bugarama.

Uwo mugabo yari azwi kw’izina rya Egide Nduwayezu,n’umukenyezi wiwe Yvette Irakoze.Amakuru ava ngaho mu Kamenge amenyesha ko hari nk’isaha zibiri z’ijoro aho abantu bataramenyekana barasa abo bantu.

Abari ngaho baciye biruka bagaruka basanga abo babibi bamaze kwitana Imana,ariko umukobwa avukana na Egide Nduwayezu basanze agikomeye,ari nawe yasavye ko bobatabara.

Mu gipoilisi c’Uburundi baremeza ayo makuru bakavuga ko abo barashe baciye bahunga bakoresheje imodoka.

Mwomenya ko Egide Nduwayezu yari asnzwe akora mw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.