IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Abantu hafi munani boba bafashwe mu myiyerekano

Kanyosha : Abantu hafi munani boba bafashwe mu myiyerekano

mercredi 20 Rusama 2015

Abantu hafi umunani nibo bafashwe bajanwa gupfungwa, inyuma y’aho bafatiwe mu myiyerekano muri komine ya Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura.

Inyuma y’aho abo muri komine ya Musaga bagiye guhura n’abo mu Kanyosha, mu nyuma bakagira imyiyerekano, bashatse gushika kw’ibarabara rija mu Rumnge, ariko basanga abaporisi benshi babatangiriye, gutyo baca babatera ivyuka vyokera, umunani muri bo barafatwa.

Abari mu myiyerekano, agashavu kakaba kaciye kaduga rwose, abaporisi batera ivyuka vyokera, abanyagihugu nabo, bagera amabuye.
Ibintu bikaba vyagiye gucureha, inyuma y’aho absirikare baciye baza, bagasukamwo ma bisi, mbere bemerera abari mu myiyerekano ko, bagiye gusaba abo bafashwe, kugira basubizwe mu miryango yabo. Abari muri iyo myiyerekano, bakaba bagenda bararirimba, biyamiriza abashatse gufata ubutegetsi ku nguvu, bavuga ko ataribo babatumye.

Tukabibutsako izo komine za Kanyosha na Musaga, ari zimwe mu zaranzwemwo imyiyerekano rwose, mu gihe usanga muri bo, harimwo n’abaje bava mu misozi imwe imwe, ihanamiye igisagara ca Bujumbura.


IGIHE

Messages

  • Nuko bakomeye kandi bahaze bagatur’amangati kuko twebwe tumaz’iminsi tutareng’irembo tutaja no guhir’urudagara ku bahari urumva tu je mumyiyerekano nihagende innocent umuhungu wa Femiya mu Kanyosha wewe aronsw’agashiruka bute mw’isoko mundagara no muri église anglicane asengamwo mu Busoro ,ahubwo dutabarize abagiraneza batuzanire n’ifu y’ubuyi yoyo duhembur’ibibondo bigiye kutuvyimborako amatama mwoba mukoze

  • Iyo niyindi mvugo nshasha rero abatuma iyo migumuko babahenze ngo nimuvuge gutyo ? umwansi wa Compaore Ejo azobabwira ibindi komeza mugumuke Agasema kava muri Ndayubusa!!!

  • Iyo niyindi mvugo nshasha rero abatuma iyo migumuko babahenze ngo nimuvuge gutyo ? umwansi wa Compaore Ejo azobabwira ibindi komeza mugumuke Agasema kava muri Ndayubusa!!!

  • Bareke Basare Nibagarura Ubwenge Bazovayo Yamakungu Bayagira Kw,igihugu Cose Kibashigikiye Nabo MBONYE AHUBWO N,ABAMENYESHAMAKURU ZEMURAVUGA IGITIGIRI CABO BAEL-SHABAB

  • mbega yemwe muzogeza ryari gufata abene gihugu nkibigugu ryari ngo ntibashigikiye kudeta ngo sibo babatumye umusi kudeta ibiba biriwe baraserebra igisagara cose binjira kumugumya babomora ubusho batororokesha imbohe baturira radio rema fm impundu barasasiriza none ngo ngo ntibashigikiye kudeta

  • none nkubu abantu bari mukwicirwa ninzara munzu kubera badakora misi yose kubera abagumutsi nukuri muzokwicuza munyuma nama ntanga akarorero kuri ribia bagiye kumohe yabanyamerika baragumuka birukana kadafi baranamwica none ubu unyaribiya wese aicuza namwe bandanya muzobona ingaruka mbi munyuma nayo kubesha NGO ntimushigikiye kudeta nibihedwa abana umusi yaba mwarariye muranywa murabaga ninka muzurnguruka ibujumbura muravyi na muratarika none mwabonye kwinko arintakorwako ahubwo ikimbabaza nikimwe nuko gushika ubu mugifise ivyiyumviro nkumunyagihugu womuri 1961

  • none nkubu abantu bari mukwicirwa ninzara munzu kubera badakora misi yose kubera abagumutsi nukuri muzokwicuza munyuma nama ntanga akarorero kuri ribia bagiye kumohe yabanyamerika baragumuka birukana kadafi baranamwica none ubu unyaribiya wese aicuza namwe bandanya muzobona ingaruka mbi munyuma nayo kubesha NGO ntimushigikiye kudeta nibihedwa abana umusi yaba mwarariye muranywa murabaga ninka muzurnguruka ibujumbura muravyi na muratarika none mwabonye kwinko arintakorwako ahubwo ikimbabaza nikimwe nuko gushika ubu mugifise ivyiyumviro nkumunyagihugu womuri 1961

  • Uburundi buratekanye99.8/10

  • mubandanye muharanire agateka kanyu kahonyanzwe, uwo muhimbiri azoteba aveko

  • JEWE ICO MBONA GIKWIYE NUKO PETERO YOVA KWIZINA AKAREKA KOABANTU BAGUMA BAPFA BAZIRA WE KANDI YIBUKE KO IMANA ARIYO YAMUHAYE ISHOBORA GUKORA IVYOHAVA BIMUMERERA NABI.JEWE NAMWIFURIZA IKIBANZA CI ITEKA MUGIHUGU ARIKO ABAGENZI BOBO BARAGENZANYA

  • naho petero nkurunziza yigira ikinani ariko amenye azovyemera amaso yabaye umunani, abarundi ntibazopfa bamubabariye abo bicanyi bigira ngo baramutera ubwoba ngo akaramuka arekuye ngo bazomumena agahanga, invo ngo bazokurikiranwa amabi bakoze y’aco mutinya mwabikoze mubibona ahubwo urw’abatariano rworwo ntimuzorusimba muzovuga ico mwahoye abakecuru ba bandi ba babikira naho urw’abarundi tuzobahirikira mu kazu kamatora kazungu,adolfe ayubu na bandi bigira ibihangange muragabe.

  • Jewe ubwanje ndobahanula yukobobileka bakitaba amatola kuko bagumye mumiyekano ntacoboshiko

  • ABO BAVUGA KO HAGIRA IMYIYREKANO UBWOKO BUMWE,NIBATESHW BATE ABARUNDI TWARATAHUY.TWANSE AGASUZUGURO.BANYABUJUMBURA,NIMUKOMERE TURABASHIGIKIYE.TSINDA UBWOBA.

  • Mbega mubashigikiranye na bande?eka barayamaze ngo uwutema urwiwe bamutiza umuhoro!reka kubasuka kuko birya bonona ingaruka mbi ni kuri bo nabana babo nawe witekaniye.

  • komera!!ureke bagume mu mabarabara nibaza yuko ariho bazeye kazoza!!!

  • Ohooo! Niho aba DD bivugira ngo «Ntibabona»! Nukuri nivyo. Aho kuja mumatora birigwa bazegembana iminana y’amabuye n’amapine abandi bariko baregeranya amajwi. Emwe , Nkurunziza aracabatwara ndabarahiye !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.