Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Babiri mu bahora babisha inkoho bafashwe
Kanyosha : Babiri mu bahora babisha inkoho bafashwe
mercredi 30 Ntwarante 2016, par
Abantu babiri bari mu bahora bamaze imisi bibisha inkoho mu duce twa Kirombwe na Mirama muri zone Muyira, komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura, bafashwe n’abajejwe umutekano mu gitondo co kuri uwu wa gatatu.
Mu gihe hari bamwe mu banyagihugu bo muri ayo mazone bibaza ko abo bibisha inkoho ari umurwi urwanya Reta uriko uravuka, mu bajejwe intwaro bemeza ko abo bantu ari umurwi w’abasuma.
Abanyagihugu bo mu Kirombwe na Mirama basaba ko hofatwa ingingo zikomeye z’umutekano kugira ako kagwi k’abitwaje ibigwanisho gatuzwe muri ako karere.
IGIHE
Messages
31 Ntwarante 2016, 05:49, par Kanyoka
Kobita izonjavyi ziturara kumugono maze babanya Bulaya bakaca bavuga ngo reta yuburundi ngonibagiriranire ibiganiro, mugihe reta yacu tutayemerera ko igiriranira ibiganiro nibisuma nabicanyi mwenebamwe baturira abantu babona abandi bakabasukamwo za grenades mugukubita ama kudeta bakivayo uburaya abanyamakosha nibobwahinduye incuti magara uwudakoze amabingayo uburaya bucabuvugako akwiye gufatirwa ibihano nuhasha! Yewe tugiye guhigura mpaka bizokwandikwe nomumateka.
31 Ntwarante 2016, 07:37, par terence
Akokagwi kabasuma nibagatuze!nibababazenabandi bahora bakorana kugira nabene bafatwe babagireko amatohoza
31 Ntwarante 2016, 10:55, par moses
Nibavuge izo nkoho bazikurahe ahubwo nabarwanyi kora iperereza neza bizomenyekana
31 Ntwarante 2016, 17:13, par MUTIMBUZI
Abo bajura bakorana na PIERRE BUYOYA. UMWICANYI RUHARWA
31 Ntwarante 2016, 19:29, par sikobizohora
NIBAVUGE ABANTU BABAHAYE IVYO BIGWANISHO
3 Ndamukiza 2016, 04:42, par You-luc
Police Yakoze Neza!Ariko Bazoguma Bavuga Kwaribisuma Kugeza Ryari?Ahubwo Reta Nizitire Tutaronegwa.Kk Sabasuma Ningwanyi Pee!.
3 Ndamukiza 2016, 04:43, par You-luc
Police Yakoze Neza!Ariko Bazoguma Bavuga Kwaribisuma Kugeza Ryari?Ahubwo Reta Nizitire Tutaronegwa.Kk Sabasuma Ningwanyi Pee!.
5 Ndamukiza 2016, 21:11, par Emire
Abibaza Ko Amaseyakera Agihoma Urutaro Siko Ingendonkiyo Twarayisezeye