Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Hatowe impapuro zitagira imikono zivuga kw’itangwa (...)
Kanyosha : Hatowe impapuro zitagira imikono zivuga kw’itangwa ry’ibirwanisho
mardi 7 Ndamukiza 2015
Muri komine ya Kanyosha, quartier ya Kajiji mu kigwati c’impunzi, hazindutse mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri hatorwa impapuro zitagirako imikono, izo mpapuro zikagiriza uwitwa Nyabenda ko agirisha inama mw’ijoro urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.
Uwo asanzwe akora muri Mairie ya Bujumbura, abamwandikiye izo mpapuro zitagira imikono, bakaba bamwagirije ko agirisha inama Imbonerakure mw’ijoro, kandi agatanga n’ibirwanisho. Abanyagihugu rero b’aho mu kigwati c’impunzi, bavuga ko batagisubira guhunga naho hoza iki, ko bazoguma aho bahungiye inyuma y’intambara, ko mbere hagize n’uwuzoribwa urwara bizobazwa uwo Nyabenda.
Uwutwara quartier ya Kajiji muri komine ya Kanyosha aremeza ayo makuru y’izo mpapuro zitagira imikono. Donasiyano batazira Somaliya, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko hariko harategurwa inama kuri uyu wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza ku muhingamo, iyo nama ikaba ari iyo guhumuriza kuri ivyo bivugwa. Amakuru y’izo nama z’Imbonerakure zikorwa n’itangwa ry’ibirwanisho, akavuga ko atavyo azi, co kimwe n’abo bivugwa ko bari ku ntonde z’abazicwa. Ku bwiwe, nta muntu n’umwe aricwa muri ako gace, bisigura ko ari irementanya.
Tukabamenyesha ko muri ako gace nyene k’ikigwati c’impunzi mu Kanyosha, hari bamwe mu bahaba, bamaze kugaragaza amakenga ko bari ku ntonde z’abazokwicwa. Nk’uko amakuru ikinyamakuru IGIHE gifise, abo bantu bakaba bagera kw’icumi.
Aristide NIZIGIRE
Messages
7 Ndamukiza 2015, 15:38, par Nueera
Ariko nkumuntu yicara agakora politique nkiyo yokwsndika inzandiko nkizo zamafuti mubona atazopfarushe? Ariko mubona abarundi ahotigereye harihumuti wibibazo wotorerwa mukwica aba canke bariya? Ndabasaba namwebwe mwirirwa mukora imigambi yokwica abandi ngomaze bifashe kubwicanyi muburundi bwocabutangura muteshwemute ivyontibizosubira twarakoze ibidakwiye gukorwa murikahise twaranabwiye n’Imana kotutazosubira uwuzobigerageza tuzomufata tumuhagarike imbere yisinzi ryabarundi mazetuvugengo nimurebe uyumuntu ashako uburundi bwibera murdyane zubwicanyi.
7 Ndamukiza 2015, 17:14, par ndiho
yemwe yemwe guhamira ubutegetsi siko kuburonka namba iyo mburabwenge yanditse ayo mateshwa yaribifitiye ivyemezo kuki atehengereye mwijo iyo nama irikkwiraba ngwakebure abajejwe umutekano atingo ahanaka hariko haragirishwa inama turazi neza ko hari abantu bamaze kubona ko batazotsinda none bategura akajagari imigumuko amarementanya kugira amatora abe mukajagari habe ibiganiro ivyo bintu nibibi kuneza yakazoza kigihugu nabene gihugu mwobirekaa naho abarundi batari bake batababona gatonda arababona
7 Ndamukiza 2015, 17:15, par ndiho
yemwe yemwe guhamira ubutegetsi siko kuburonka namba iyo mburabwenge yanditse ayo mateshwa yaribifitiye ivyemezo kuki atehengereye mwijo iyo nama irikkwiraba ngwakebure abajejwe umutekano atingo ahanaka hariko haragirishwa inama turazi neza ko hari abantu bamaze kubona ko batazotsinda none bategura akajagari imigumuko amarementanya kugira amatora abe mukajagari habe ibiganiro ivyo bintu nibibi kuneza yakazoza kigihugu nabene gihugu mwobirekaa naho abarundi batari bake batababona gatonda arababona
8 Ndamukiza 2015, 10:42, par Ntiwihebure
Abo bantu reka kwihutira kubakekeza no kuvuga ko ari irementaya. Ahubwo nibaza ko hari hakwiye kurondera ido n’ido ry’iyo bizanana, ico bifatiyeko n’ico bigamije, ko arivyo n’uko atari vyo. Kandi ko bavuga n’uwukora izo nama, nibaza ko uwobitondera bovuga n’ingene vyagenze, igihe n’ikibanza vyabereyemwo.
9 Ndamukiza 2015, 07:15
SAMUEL
9 Ndamukiza 2015, 10:37, par NIYONZIMA FRANCOIS
NONE NTIBOKORA AMATOHOZA ABAJEJWE UMUTEKANO.EREGA NIBO BIRABA
9 Ndamukiza 2015, 16:30, par kmina
mbega abo bajejwe umutekanano ko bakorana nizomburakimazi wunva uwogira amatohoza yovahe?ahubwo nukuba maso abo basazi ngo nimbonerakure ntibadute mwihumbi bishobotse tubafate imbere mu kurindira ko Agathon ashika ku butegetsi
11 Ndamukiza 2015, 03:20, par vuganeza
Ivyo vyandiko(tractes),abo ni abatutsi bariko barabikwiragiza urabonako baviriye hasi imbonerakure,ariko murihenda mwa bagesera mwe,ntaco muzobagira ni abana b’uburundi bafise ababakunda,teshwa mute !