IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Ibirwanisho binyuragiranwa mu banyagihugu vyihaye (...)

Kanyosha : Ibirwanisho binyuragiranwa mu banyagihugu vyihaye inkumbi

mardi 12 Rusama 2015

Muri quartier ya Musama komine ya Kanyosha, abantu babiri bahitanywe na grenade nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, abo bapfuye bikavugwa ko bari mu muhari w’Imbonerakure za CNDD FDD.

Abo bagabo babiri bivugwa ko bari bateramiye mu kabare k’aho bita kwa musitanteri, batashe, akaba ariho ababanyi babo, baja bumva iyo grenade ituritse. Umwe ico gisasu camuciye ukuboko n’ukuguru, uwundi kimumena umutwe, mu gihe uwa gatatu bivugwa ko atitavye Imana, yaciye ajanwa kwa muganga ariko akaba yari indembe. Nta bibaranga twabasanganye, kuko abanyagihugu twahasanze batumenyesheje ko vyoba vyatwawe kuri komine ya Kanyosha.

Umwe mu bitavye Imana yitwa Christophe, bamwe mu bamuzi bakavuga ko yoba yakora kuri komine Kanyosha, uwundi bari kumwe ntibamumenye. Ababa aho habereye iryo bara, bakavuga ko ako gace atamarondo bagira, ariko hanyuragiranwa udusore badakunze kumenya, ko mbere na Christophe asanzwe ari Imbonerakure ya CNDD FDD, yahora atera ubwoba abanyagihugu, ko afise ibirwanisho. Nayo ivyo bisasu nka grenade biri mu banyagihugu, abaho baremeza ko bizomara abanyagihugu. Bamwe mu bo vyavugwa ko bakorera urwego rw’igendereza bagumye banyuragiranwa aho hantu, nk’uko abanyagihugu babibwiye ikinyamakuru IGIHE.bi.

Abanyagihugu bipfuza kugira ico bashikirije kuri ivyo vyabaye, ariko bakarabwa ibitsure na bamwe mu bari muri ico kibanza caguyemwo abo bantu, imwe mu misore yari ngaho n’abakenyezi, bakaba baciye baja mu Kinanira aho bavuze ko bagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu. Ariko yaba abo bakenyezi canke abasore, imbere yuko baja mu myiyerekano, bakaba bavuze ko bamwe mu bajejwe umutekano batunzwe agatoke ko batanze ibirwanisho mu banyaghugu, batagarutse ngo babibake, mu minsi, inkumbi izorwa, kandi bikazoguma bihitana abo babihawe, batazi kubikoresha.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko karaciye ingani ikikinyamakuru ciharirwe nokuza kirahabwa inkuru nababeshi bigezaha!

  • abajejw umutekano nibanyaragas gusaka imihana yaho hantu barabe ivyo bigwanisho kandi bafadikanye nabanyagihugu inkumbi itaragwa.

  • Nimba vyukuri yarimbonerakure imana yagovye kumwerekako ishoboy nabandi babitunz kurabice a bandi imana ibahanze Nimba vyukuri yarimbonerakure imana yagovye kumwerekako ishoboy nabandi babitunz kurabice a bandi imana ibahanze ijisho

  • NIBAREKE KWICANA GUKO IMANA IRAVYANKA ABAFISE IBIGWANISHO BABISHIKIZE

  • NOKWIBUTSA ABAHAWE IBIRWANISHO KUBISUBIZA KUNEZA YABO KUKO ABIBAHAYE BARABAHENZE KANDI BARAZIKO ATABUHINGA BABIFITIYE NAKO VYOZA BIRAHITANA ABABIHAWE NGIRANGO ABASIGAYE BOJWISUBIRAKO BAKABONAKO BAHENZWE KUNYUNGU ZABABATUMYE MURAKOZE!

  • none gayemwe kohapfuye IMBONERAKURE nkeyi ntakuntu mwogerageza uyumusi mukarwiza nacumi.bagitegura ubwicanyi bari baziko hazopfa twebw none mbona turemvy twese.

  • YEWE BURUNDI UGEZE HABI KABISA,UBU BAGIYE KUJA BARICA UMUNTU BACE BAVUGA NGO NIWE WIRASHE???!!!

  • Iryo ni isomo ryiza cane.comment se fait-il que qlq’1 ballade avec des grenades au cabalet?Qui est responsable? Peter,Adolphe,Bunyoni...

  • NUKURI UMUGAMBWE URI KUBUTEGETSI WARUKWIY KWIKEBUKA.UKAREKA GUHA IBIRWANISHO ABATABIFIYE URUHUSHA.AHANDI HO NIBO BIZOMARA

  • Nibabe bareka kwirarira kuko IMANA niyo izigam,umuntu gusa

  • Nyimba Vcyukuri Ivyo Birwanisho Biriko Biratangwa Muburund,ntawundi Twovyagiriza Ati Reta Y’uburundi.Nuko Umurwi Ujejw Gukura Ibigwanisho Mubinegihugu Batabifitiy Urusha,wokora Igikorwa Cawo Atakuraba Nkunzi.Nayo Atari Uko Birabandanya Vyiha Inkumbi.

  • nkurumbi, bunyoni,adolphe ,kazungu na ndakugarika, ndabakeje mumuryango wababuze ababo. Muri bible bavuga ngo uwicisha inkoto niyizomwica urumva niko vyagenze bahora bicisha grenades none niyo ibahitanye.
    ndabasavye mukukure ivyobirwanisho mubana bu Burundi mwabeshe.

    Ngira baraheye babibona kobatanguye kwigandagura

  • Yooo ndababaye kubona satani amaze abantu turorera, erega abo bapfa bose bicwa na satani ntawundi kubera satani yamye ari umwicanyi none ubu yahagurukiye igihugu cacu. Ikibabaje cane ni kimwe n’uko yahumye amaso benshi akabereka ko abo bapfa kubera impamvu zitandukanye ,ngo ni ubxoko ubu n’ubu canke ngo bapfuye kubera bari mumugambwe uyu n’uyu. Yooo benemana tuvukana ni muhumuke mubone uburyarya bxa satani: ehe raba satani arica tukanezerwa bityo amaraso y’uwupfuye Imana igaca iyandika kuri twebwe. Erega satani ntarukundo adufitiye yishe uwo ubonye ejo yapanze kuzica wewe kandi ko wabiryoherewe ubwo wafashwe ntamwanya wo kwihana uzoronka, uzopfa utihanye yoooo turagowe! !!!. Ariko rero nguhanure wewe uryohererwa agapfuye ukanezerwa satani ariko amara abantu bityo nawe akaba ubaye umukunzi wa satani kandi uzobibazwa utihanye, vyiza aka kanya nyene urabe ikibanza ciza upfukame usabe Imbabazi wicuze ko wumviye satani akakugira uwiwe ariko ko ugiye kuba umwansi wa satani utazongera kumwumvira, maze Imana iguharire uzoragwe nawe ubuzima butazoshira mw’ijuru hamwe natwe.

  • Domage!! Mais Retirez Ces Armes Dans La Pupulation Burundais Tempis Pour Qui les ont donnent calmons-nous

  • Domage!! Mais Retirez Ces Armes Dans La Pupulation Burundais Tempis Pour Qui les ont donnés calmons-nous

  • Jewe nsomye iyo nkuru sintangajwe cane ko abo vyahitanye boba bari imbonerakure,kuko naje aho mba ntashimye kuvuga,Ltnt General Adolphe Nshimirimana yahatangiye ibigwanisho abiha imbonerakure.Ivyo mvuze ndabifitiye ivyemezo,naho hazoba i La Haye nzobisigura!

  • ibigwanisho ronderera mu batutsi bari kutumarira abana babita imbonerakure ntibidefender,attention abo ni abatutsi bo ku musaga baza kuzibatera mwaja kubafasha manifestations mwibazango ni benewanyu,ayo ma grenades niyo bamarishije abapolisi,abo bahutu bakija inuyma y’abatutsi niko mwese muzohera bazoza bagaruka kubica

  • Imana ibakire nta rugamba rwijana turamenyreye muri afrika ubutegetsi bwama buhera buhitanye abantu urugero havyarimana yahitanye hafi umuriyoni mombutu nuko micombero nuko buyoyanuko kadafi kenya uganda nahandi

  • ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka mwagumye mwezako imbonerakure ziriko zirahabwa ibirwanisho mugabo kuva imigumuko itanguye biramaze kugaragara neza ko abagumutsi bari mumyiyerekano bafise ibirwanisho mukinama imbonerakure zatewe grenade urugo gumwe mubakora mwiperereza rwaratewe grenade mukamenge none mukanyosha imbonerakure zatewe grenade tutadondaguye nahandi abaaporisi batewe amagrenade none bizobazwa nde mbega ntimubona kwigihe mwariko muratanga ibirwanisho mewasamaje reta mukwemeza ko imbonerakure ziriko zirahabwa ibirwanisho kandi muzi neza kwarikinyoma none aba basanzesheke ba sinduhije na vitari napasifke babikuyehe canke nihagera imborakure zigashavura muzoca mwumvisha amakungu kwimbonerakure ziriko ziramara abantu mwarwkenyeye ziraguma ariko kuvyiza ako gasomborotso mwokareka

  • ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka mwagumye mwezako imbonerakure ziriko zirahabwa ibirwanisho mugabo kuva imigumuko itanguye biramaze kugaragara neza ko abagumutsi bari mumyiyerekano bafise ibirwanisho mukinama imbonerakure zatewe grenade urugo gumwe mubakora mwiperereza rwaratewe grenade mukamenge none mukanyosha imbonerakure zatewe grenade tutadondaguye nahandi abaaporisi batewe amagrenade none bizobazwa nde mbega ntimubona kwigihe mwariko muratanga ibirwanisho mewasamaje reta mukwemeza ko imbonerakure ziriko zirahabwa ibirwanisho kandi muzi neza kwarikinyoma none aba basanzesheke ba sinduhije na vitari napasifke babikuyehe canke nihagera imborakure zigashavura muzoca mwumvisha amakungu kwimbonerakure ziriko ziramara abantu mwarwkenyeye ziraguma ariko kuvyiza ako gasomborotso mwokareka

  • nyomba mubanyagihugu hariyo ibigwanisho abajejw umutekan bogir amatohoza akwiy bakabibaka ahandih ibara riragwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.