Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Imbonerakure zagirizwa gutera grenades zitanu mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Imbonerakure zagirizwa gutera grenades zitanu mu (...)

Kanyosha : Imbonerakure zagirizwa gutera grenades zitanu mu Kajiji

mercredi 6 Rusama 2015

Quartier ya Kajiji mu Kanyosha yazindutse iterwa na rumwe mu rwaruka rw’Imbonerakure, aho hatewe grenades zitanu zikomeretsa abantu.

Imbonerakure zishika kw’ijana zivuye mu Ruziba, zaduganye ibarabara ry’indwi, zica zishika aho bita ku Muco, ari nakwo guhangana n’abari mu myiyerekano. Quartier Kajiji isanzwe ibamwo ahanini abahunze intambara bava mu ntara zitandukanye, ikaba ariyo yatewemwo izo grenades, bamwe mu bari ngaho, bakavuga ko izo grenade zanatewe mu mazu y’abantu, aho hakomeretse umutamakazi n’abuzukuru biwe, bakaba batwawe n’ishirahamwe Croix Rouge kuvurwa.

Muri izo Mbonerakure, imwe yafashwe, ica ishikirizwa abajejwe umutekano, mu ntumbero yo kuyikingira. Abo mu Kajiji rero bakaba bashoboye gusubiza inyuma izo mbonerakure, bazikura aho bita ku Muco, bazishikana kw’i kaburimbo y’ibarabara rija mu Rumonge. Ariko rero abanyagihugu b’aho mu Kanyosha, bagiriza musitanteri ko yari muri izo Mbonerakure mu gutera amagrenades, naho we abihakana.

Kuva imyiyerekano itanguye, aho mu Kajiji haragiye haraterwa. Aha twobibutsa ko ku mugoroba w’uwa 30 Ndamukiza, hiyadukije umuntu, afata icuma gishikana amajwi kure, abwira abanyagihugu ko bokwegera, bumvirize ijambo ry’intumwa ya ONU. Mu kanya gato, imodoka yo mu rwego rw’igendereza yahavuye inaturirirwa ku Musaga, ikaba yaciye ibatamwo urudavagi rw’amasasu, umwe mu banyagihugu arakomereka. Abaho mu Kajiji, bavuga ko bari bafise amakuru ko hariho umugambi wo kubatera, ari naco gituma bafashe ingingo zose zotuma bicungerera umutekano.

Inyuma y’ico gitero, abaho mu Kanyosha bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko ibintu vyasubiye mu buryo, abasirikare bacungereye umutekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • izo mbonerakure barazibeshera nubu nibavuge zimanuke urabe ibara rirwa mugisagara iciza nibareke iyo migumuko kuko petero azobatwara vyanka vyakunda

  • uri egide koko izina niryo muntu kweli ababyeyi bawe nibaze baseke abari kwa le gentil

  • Wa kigugu wiyise Egide wakivagundu we wa sema azotwara so na nyoko nayo twebwe a Barundi nta Nkurunziza tugishaka murakajana ikuzimu tubahambire rimwe

  • Mbe Barabona Nibareke Imigumuko Itemewe Namategeko Niba Babuze Imigambi Mbe Urazi Ko Bitubabaza Kwumva Ivyabo Bashaka Kotubagirako? Nihafatwe Ingingo Atarivyo Twese Turaja Mumabarabara Twereke Amakungu Kodushaka Petero Nkurunziza.Twamutoye Rimwe Vyabagendeye Gute Kumwomorera Igihugu.Agatorwa Nabashingamateka Ataho Vyanditse?

  • @ Nishimwe Nuko Mbona ubivuga nkuko umengo ntimurabikora. Canke ngira nuko mwatamba mwirorera. Va mukanwa ka Nkurunziza hariyo urupfu. Nagombe avuge ko yarekuriwe na yamana yiwe, Nta Burundi asubira gutwara Ndakurahiye!! Nimba wewe na sowawe aribo uriko urita abarundi, Va murico gisaka uje kuraba abandi barundi uko tubibona. Canke uzibe. Nimba wamutoye rimwe naho, Ntakundi urihangana umusubize ayo mahera aguhendesha umubwire ko ivyo ari kugutuma bidakorwa. Jewe hoho Sindanamutora. Mbega Asubiremwo ibiringo vyiwe vyose bibiri? Urumva iyo mbunuza!

  • Gusa muri ino migumuko harimo amahera nubwo abona bamwe,uwo bitazica bizomukiza!!!

  • Abantu batukana baharanira iki?démocratie!non.abanyagihugu?hanabura.ninde yabatumye kutuvugira!jewe sindimwo!

  • Abantu batukana baharanira iki?démocratie!non.abanyagihugu?hanabura.ninde yabatumye kutuvugira!jewe sindimwo!

  • JEWE ICOMBONA IMYIYEREKANO YOHAGARARA.

  • jewe ukombona imyiyerekano yohagarara hakababa umutekano

  • Ico Novuga Nuko Agakomye Kose Babita Ku Mbonerakure Kandi Twege Ataco Dukora Ngotwitwaza Ibirwanisho Haruwo Barabifatana Nibemere Tubatware

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.