IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Imwe mu mihana yaraye iterwa amabuye

Kanyosha : Imwe mu mihana yaraye iterwa amabuye

mardi 28 Ndamukiza 2015

Muri komine ya Kanyosha imwe mu mihana yaraye iraterwa amabuye ku mabati, aho abafise inzu z’amategura zononekaye.

Hafi yo ku rya gatanu, niho abantu baraye baraterwa amabuye, abo nabo nk’uko bagiye babitubwira, bakikeka ko ari Imbonerakure za CNDD FDD kuko arizo zisa n’izikizura hafi y’ibarabara rya gatatanu. Abo banyagihugu bakaba batubwiye ko nabo bagira batangure kuza barikingira, mu kwirarira mw’ijoro. Igihe twaca aho ku rya gatanu rya Kanyosha, twiboneye uro rwaruka rw’Imbonerakure rugera nko kuri 15, abo nabo bahamagara bagenzi babo ku materefone ko bonyaruka kuko abanka ikiringo ca gatatu ari benshi ku ry’icumi na kabiri mu Kinanira.

Hirya gato, ku ry’indwi aho mu Kanyosha, abanyagihugu bari bicaye aho bita ku Muco, ariko bari bahejeje guturira ibipine mw’ibarabara. Aho ku Muco nyene abanyagihugu vyaboneka ko amaso arushe, mu gihe baraye biraririye, mu gutinya ko abanyagihugu bashobora gutwarwa mw’ijoro kwicwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.