Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Umucuruza yagandaguwe n’abagizi ba nabi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umucuruza yagandaguwe n’abagizi ba nabi

Kanyosha : Umucuruza yagandaguwe n’abagizi ba nabi

mardi 21 Nzero 2014

Umutekano waraye uhungabanye muri karitiye ya Musama ya 4 iri muri komine Kanyosha yo mu gisagara ca Bujumbura. Umucuruza yitwa Prosper Kanyamugamba yaragandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Igihe c’isaha 5 z’ijoro zibura iminota nka 10, abasore batatu bari bicaye mw’ibutike, bariko baranywa agacupa baganira babonye umusore yambaye inkofero yinjiye araramutsa. Uno, inyuma y’iminota 2 ataco aravuga yaciye ababwira ati : "Mwese hasi!!" Iryo jambo arisubiyemwo kabiri, umuhisi yaraye agandaguwe kumwe n’abagenzi biwe 2 bari kumwe baciye bava hasi bagerageza kumusohora ku nguvu. Bugingo bamugejeje mu muryango, uwundi afise inkoho yo mu bwoko bwa karashi ("Karashinikov") yari kumwe n’uwo musore ariko yasigaye hanze yaciye arasa. Urusasu ruca ruhitana Prosper Kanyamugamba, aca aritaba Imana. Rusehabaniha yo mu giporisi ikaba ariyo yaje gutwara ikiziga igihe c’isaha 6 z’ijoro.

Nk’uko twabibwiwe n’uwitwa Elyphase bari kumwe muri iyo butike igihe ivyo biba, bahundagaye iyo nkoho ivuze bavunduruka abo bagizi banabi bamaze kuyakoramwo. Kandi nta kintu na kimwe bigeze biba. Mu gatondo co kuri uyu wa kabiri, aho twaca kuri iyo butike, Vianney Manirakiza mwenewabo n’uwo muhisi akaba yariko arakura amaraso aho haraye habereye iryo bara. Vianney akaba yatubwiye ko atamuntu yibaza bari bafitaniye ingorane na mwenewabo Prosper. Ndetse abo bagenzi bari kumwe igihe agandagurwa, Elyphase na Eric, bavuga ukwo kwa Vianney nyene. Si abo gusa, n’ababanyi basumira kuri iyo butike bakavuga ko yari umuntu w’umunyamahoro ata ngorane bari bafitaniye n’umuntu n’umwe.

Désiré Manirambona, umunyezamu ararira impande y’aho habereye iryo gandagurwa akaba avuga ko abo bagizi ba nabi bari 3. Bakaba baciye kuri iryo barabara ryo muri Musama ya 4 basa nk’abadafise ahantu bagiye bateguye. Ivyo akabivuga kuko yabakurikiye abihweza kuko bamuteye amakenga. Umwe muribo akaba yari afise igunira ririmwo ikintu. Uwo munyezamu bamubonye inyuma yabo bararenganye iyo butike ndetse baca bajana akabarabara kari hirya gato y’iyo butike. Haheze akanya Désire abonye batagarutse asubira inyuma aho akorera. Haciye akanya niho yumva urusasu ruvuze, Prosper Kanyamugamba yari ahejeje kugandagurwa.

Uwo muhisi Prosper Kanyamugamba akaba yari umusore yavutse mu mwaka w’1985.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.