Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero
Kanyosha : Umuntu umwe yiciwe mu bunywero
dimanche 1er Rusama 2016, par
Ubunywero bita KWA KINGI buri muri zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura bwatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye. Umuntu umwe niwe yagandaguwe muri ico gitero, abandi barakomereka.
Abo bantu bitwaje ibirwanisho bateye ubwo bunywero nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, uwo yishwe akaba ari umunyagihugu azwi kw’izina rya Olivier yari muri ubwo bunywero, abandi bataramenyekana igitigiri nabo bakaba barakomeretse.
Amasasu hamwe n’amagerenade vyarumvikanye kandi muri zone ya Kinama mu gisagara ca Bujumbura, nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu. Ivyononekaye muri ayo masasu bikaba bitaramenyekana.
IGIHE
Messages
1er Rusama 2016, 12:17, par mahuridi
mukinama biranzwikwa rutugwitwa peter twimbonerakure turagisibije inkohobazitwara kumutagariva uwobiyumviriye arara anyurujwe bukeye tumusangamukinyankomge biragaragara amakungu adatabayevyihutaturahera ntagisivya
1er Rusama 2016, 13:33, par MUYAHUDI
EMW ABARUNDI BUCADUHONA TWESE YESU GARUKIRA ABARUNDI BAW! TURAHONY
1er Rusama 2016, 13:56, par habarugira
ego vremen nivyo ariko ntabwo hapfuye umuntu umwe hapfuye babiri ntabwo mubesha nibimenyesha makuru biravyemeza nimusubiremwo muvyandike neza.ariko dusabe abo babikora babireke ntanyungu numutahe uri mumaraso.bireke sivyiza tubane mumahoro numutekano
1er Rusama 2016, 17:06, par Niyonzima
Uburundi Bwararose Amacuniro Yabantu?None Prezida Ntiyorekura Manda Erega Turashonje Nayobandayifis Sinoyirarana Ubusa.
1er Rusama 2016, 18:35, par orignal
Abo bica ntibashobora guhagarika kandi ababatumye batababwiye ngo bahagarike. Simoni Ntamwana hamwe na Pasifike nibo bakwiye guhamagarira ingabo zabo guhagarika kwica abo bantu naho baba bariko baranywa izo nzoga kandi ari icaha.Nubwo biri uko ntibari bakwiye kwicwa urwagashinyaguro.Ntamwana - Pacifique nimwisubireko muramaze abakatolika kuko ntabandi baja mu ma bars.
1er Rusama 2016, 18:54, par MISAGOMICHERI
ABOBICANYI NTIBOGEZHO UBWO MURINUBWENGE MWIBIKE GAYINI NA ABIRI UKO VYAGENZE MUZOPFA MWANGARA MUGIRANGO MUHIMAPITA MURIBECHA ESEKO MWISUNGA AKAJORO JAHABONA BABARUME DUFISINGABO ZIHABONA MURIHENDA UKOMWICA NIKONAMWEMUZOPFA
2 Rusama 2016, 02:32, par Musags
Nkuyu avuze iki, amakungu atabare nde, absteroriste bariko bica abanyagihugu batobato ese bumva bizabashikana kuki ko ataco ivyo bizatanga bazaca babashira kuri liste noire baronderwe n amakungu nta cindi bizabamarira umuntu yinjira mu bar akica abanyagihugu nka bimwe vyo mu gatumba cera yumva vyamushikana kuki? " uyo yiha inkumbi yumva yashika kuki ko amaraso ahona,,?
2 Rusama 2016, 07:56, par Murabaraba 556
Reka Gutanako Imyikomo , Muga Biravugwa Ko Cnard Yabwiye Abobikorana Kuja Irica Abantu Kubwishi , Nacane Cane Yasavye Ko Hoza Haricya Ababa Bakoraniye Hamwe , Nko Mubunywero Mumasoko Mumashengero Nahandi , Turatumiriye Abantu Bose Bikunda Kuvavanura Ningeso Z’ukuja Muma Bar Mwijoro , Turasabye Leta Yuburundi Ko Mumanama Yumutekano Bobwira Abenegihugu Ko Kibujijwe Kugurura Ubunywero Nyuma Ya18 H , Kiretse Ahacungerewe N’Ingabo
2 Rusama 2016, 10:33, par Santibrathie
Barakabona Bakishe
2 Rusama 2016, 18:03, par buhanza
mbe?? ubwicanyibuzohera ryari?
2 Rusama 2016, 18:08, par buhanza
nibarakumutemer
3 Rusama 2016, 05:54, par Buca.
Ntakundi,nukubandanya bihangana kuko,ubwinyi muburundi basigaye bumeze nkurukino,ntibamenyeko Ihorihoze.
3 Rusama 2016, 21:34, par INNOCENT
ntakundi kuk muburundi hasigaye arikumacuniro iyo habuze iyihagarama bababara
6 Rusama 2016, 18:29, par BANZUBAZE AUGUSTIN
NUKURI ABANTU TWARAMAZE KUBA IBIKOKO NTITUGIKUNDANA DUSIGAYE TURI INTAMBWE.IYO TUBA TURANGA NURUKUNDO NTANDYANE ZIBA ZIRI MU BURUNDI.
6 Rusama 2016, 18:31, par BANZUBAZE AUGUSTIN
NUKURI ABANTU TWARAMAZE KUBA IBIKOKO NTITUGIKUNDANA DUSIGAYE TURI INTAMBWE.IYO TUBA TURANGA NURUKUNDO NTANDYANE ZIBA ZIRI MU BURUNDI.