IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Amasasu yahitanye umwe mu bariko barasangira

Kinindo : Amasasu yahitanye umwe mu bariko barasangira

lundi 14 Ntwarante 2016, par egide

Muri karitiye ya Kibenga, zone Kinindo, umuntu umwe yarishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, mu gihe yari yicaranye n’abandi imbere y’urugo iwe.

Abarashe uwo muntu bariko biyunguruza bakoresheje ipikipiki, bakaba bamusanze kw’ibarabara ryitiriwe Mardi riri mu Kinindo. Aho yari yicaye hafi y’urugo iwe ariko asangira n’abandi, ayo masasu akaba yahitanye wenyene, bikaboneka ko abamurashe bari baje ariwe gusa barondera.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwishwe yitwa HAVYARIMANA Paul, umudandaza wo mu ntara ya Mwaro.

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko ababonye iyicwa rya HAVYARIMANA Paul bavuga ko ryoba rifitaniye isano n’ukwihorahorana (Règlement de compte).


IGIHE

Messages

  • Ivyo nivyabirwanisho mwaha imbonerakure none ngivyo bihaye bikora ibara amakungu arakwiye kuvahasi akarungika inteko muburundi zoza gufasha guhagarika ubwobwicanyi gusumba kuguma barungika abaza guharura imivyimba nokurorera abariko baricwa ntawundi muti usigaye atarukurungika inteko kandi hatarinzwe gusabwa uruhusha kubariko barica ikindi nuko hakenewe gukoresha inguvu mugusenyura ubutegetsi bwako karwi kihaye ubutegetsi kunguvu kuko karafatiye amaboko imogongo abarundi

  • Inteko mvamakungu mu Burundi ? Abazishaka ni babe bararindiriye.

  • ICOTWOTERERA NUKO BAGUMA BAVUGA INTEKO ZITAZA AHUBWO NIZINYARUKE IBARA RITARARWA IBONERAKURE ZIGIZE ABANTU BAKOMEYE MUBURUNDI INKUYANJE NIYO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.