Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinindo : Umunyagihugu yagandaguwe babanje kumusahura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Umunyagihugu yagandaguwe babanje kumusahura

Kinindo : Umunyagihugu yagandaguwe babanje kumusahura

jeudi 6 Ntwarante 2014

Ubwicanyi buvanze n’ubusuma bwasubiriye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. Mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa gatatu, hari umunyagihugu yagandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, babanje kumwiba. Abamuteye bamubeshe ko baje gusaka ibirwanisho yoba atunze, ariko ivyakurikiye bitabaye vyiza.

Nsengiyumva Patrice, ni umunyagihugu avuka mu ntara ya Mwaro, muri komine Kayokwe. Yahora aba muri komine Kinindo, imbere y’isengero ry’aho nyene mu Kinindo, kw’ibarabara Mpinga. Mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa gatatu, yabonye abantu babiri bamuhagarika, bamwagiriza ko atunze ibirwanisho. Baciye bamusaba ko bojana aho aba kugira bamusake. Yarabasavye ko bomwereka urupapuro rubarekurira kumusaka, ntibarumwereka, ahubwo bashitse aho yaba baca basohora inkoho bari bafise, bamusaba ko yobaha ivyo afise vyose. Baramusahuye, bagirako basiga bamurashe, bobona guhunga bakoresheje ipikipiki yari ibarindiriye imbere y’isengero ryo mu Kinindo.

Musitanteri wa komine Kinindo, hamwe n’abanyagihugu begereye ahabereye ubwo bwicanyi baremeza ayo makuru, ariko bagatangazwa n’ingene abajejwe umutekano batashoboye kuhashika kugira bafate izo nkozi z’ikibi. Abo banyagihugu ntibatahura ingene inkoho zovugira mu kibanza cumvikana, ariko ntibahashike kare. Agaciro c’ivyo abo basuma bivye Nsengiyumva Patrice ntikaramenyekana, mu giporisi naho bakamenyesha ko batanguye amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.