IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo : Abaharanira agateka ka zina muntu batabariza umuvugabutumwa (...)

Kirundo : Abaharanira agateka ka zina muntu batabariza umuvugabutumwa Theophile

mardi 20 Rusama 2014

Mu gateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo batabariza umuvugabutumwa MWONGEYE Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda apfungiwe mw’ibohero ry’aho mu Kirundo, kuva ku munsi wa kane. Basaba ko boreka abakeneye kumugendera n’abamugemurira.

Inyamiramabi zifise urubanza rw’umuvugabutumwa MWONGEYE Theophile zarankiye abo mu gateka ka zina muntu bari bashatse kugendera uwo mupfungwa akomoka mu gihugu c’Urwanda, bamenyesha ko imisi indwi y’amatohoza kuri urwo rubanza itarahera. N’aho bankiwe kubonana n’uwo mupfungwa, mu gateka ka zina muntu mu Kirundo bamenyesha ko amakenga ari menshi kuri uwo mupfungwa batazi namba yoba afungura, uko amagara yiwe yifashe, hamwe n’uko amerewe mu munyororo w’igihugu atari iciwe.

Therence Nzohabonayo, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo yibutsa ko umupfungwa afise uburenganzira bwo kuronswa uwumufasha kuburana, n’abakeneye kumuratswa bagahabwa ubwo burenganzira. Mu gihe naho aho apfungiwe atari iwabo, arafise uburenganzira bwo kumenyesha igihugu ciwe uko amerewe. Arafise uburenganzira kandi bwo gufungurirwa no kuvuzwa mu gihe amagara amukitse, ivyo vyose navyo bikaba bimenyekana ari uko baretse akagenderwa, kandi akavugana n’abashobora kumufasha, na kare ko icaha kitaramwagira.

JPEG - 55.6 ko
Therence Nzohabonayo, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Kirundo

Mu gateka ka zina muntu mu Kirundo basaba ko umuvugabutumwa MWONGEYE Theophile yoronswa uburenganzira bwo kuramutswa n’incuti n’abagenzi bo mw’Ishengero rya Pentekoti asanzwe asengamwo, hamwe n’ayandi mashengero ari mu ntara ya Kirundo.
Basaba kandi ko abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bosuzuma uburenganzira umuvugabutumwa Mwongeye Theophile ahabwa n’amategeko yerekeye uruja n’uruza kw’abanyamahanga bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko uwo muvugabutumwa asanzwe arimwo. Mu gihe n’ubutumwa yari yazaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza butashoboye kwakirwa, abajejwe agateka ka zina muntu mu Kirundo basaba ko uwo muvugabutumwa yorekurwa, agasubira mu gihugu c’amavukiro yiwe.

Twobibutsa ko umuvugabutumwa Mwongeye Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda i Kanombe apfungiwe mw’ibohero ryo mu Kirundo. Yafashwe ku mvo z’amatohoza, inyuma y’aho amenyeshereje ko afise ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye kugira abushikirize umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Uwo muvugabutumwa yashitse mu Burundi ku munsi wa mbere yinjiranye mu ntara ya Cibitoke, akavuga ko azaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubutumwa budasanzwe Imana yamurungikanye, kandi akamenyesha ko ubwo butumwa bwa Petero Nkurunziza ategerezwa kubumwihera bari babiri gusa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nimba ubwo butumwa President atabushka nibaza ko borekura uyoMukozi w’Imana akitahira erega Peter ntariho kuko atabifuza kumwica bariho canke k’urupfu rwamunaniwe ahubwo ni kubw’Iyamuremye igishaka ko abaho tu!!Uyo mukozi w’Imana nimba atashatse ivyiwe kw’avyumvan’atahe!!Jewe narabony’umukongomani ashira Mu7 ubutumwa ntiyamufunze ahubwo yamurungikiye umukobwa wiwe aba ariwe bashikiriza ubwo butumwa kuko Mu7 yari afatiriwe!!Vy’ukuri iki kibazo kiraba Peter ubwiwe kuko nawe yoye kuba nka Nebukadineza womuri Bible!!Guys ingero dutanga noyo tuzogererwan’Iyaturemye!!

  • barakina nuvugisha ngira imana ntibayizi mbe uraziko yoshobora kurekura umuriro kubwuwo muvugishwa bafashe uko bagomba?

  • MBE BARUNDI IMANA IRAHINYUZA, NGO MUKA PETER ARIKO AJA KUTUBWIRA UBUTUMWA MURI AUSTRALIA ?
    MBE AZOVUGA IKI?
    AHERE MUNZU IWE? CANKE INYUMA ?
    NDAZI UMUGABO WIWE AKUNDA GUSOMA MURI ESTELI, AHO NABE ARIGUMIRIYO VYARABAGOYE. IYO APFUMA YANKA NTAMUPFUNGE.
    NGO INKOKO NUBWO UYIBAGA NTUBA UBAZE ICO YAVUZE

  • REKA GUTA UMUNWA MUVUGA AYAMUHE. NIMBA ARI IMANA YAMUTUMYE NAYISABE IGITANGAZA KIMWE KIBE KUGIRA CUMVISHE NKURUNZIZA KO ARI IMANA IVUZE. NGIRA MURAZI IVYA PAWULO NA SIRA MWIBOHERO, ATARUKO ARAWUNWA NDAKE HAHAHAHAHAAAAA IKIMENYETSO NINGOGA

  • KUMUFUNGA SIVYO MUGABO KANDI NTATEGEREZWA KUMWAKIRA YOBA AJE KUMWICA NAHO ..IVYO VY ABAKOZI B IMANA NTAWOBIJAKO..PROTOCOLE SE KO IFISE AMATEGEKO YAYO KANDI PETER ASHATSE BOHURIRA AHO ASENGA ..IYO FORCING NTISIGURITSE YEMWE MUJE MUMENYA PRESIDA SI N IMPORTE QUI..!!!!

  • EWE PETER URIYAMBUYE AGASAMBARA. NONE UBU UZOVUGA KO URI UMUSENZI?

  • harigihe wasanga ari umufunga kiwani nahanwe kuki? iyonkuru nziza atayibwira kagame

  • PREZIDA NKURUNZIZA NTAREKE KUMVA UBWO BUTUMWA

  • Jewe nibaza ko Président azi ico agomba kumubwira, arico gituma atagomba gucumviriza; Kandi muri communication ntawutabizi nta muntu anezerwa no kwumva ikintu kibi?Ni co gituma umukuru wacu atagomba kumwumviriza.
    Ndabiravye rero uyo munyagwanda yarazanye ubutumwa butanezereza peter aca amwigiza hirya kandi yohirahira akabibwira abo bapolisi aca acirwa rurya rubanza bari bateguriye PCMbonipa. Hanyuma nobwira uwo mugabo ko SNR ifise uburyo bwo kumenya ibigirwa ahantu hose, no mw’ijuru.

  • Jyendumvamwamugirikigogwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.