IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Abantu batanu bapfuye batuririwe mu nzu

Kirundo : Abantu batanu bapfuye batuririwe mu nzu

jeudi 16 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batanu bitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu muri komine Gitobe, intara ya Kirundo. Abo bitavye Imana batuririwe mu nzu n’abantu batamenyekanye.

Muri ubwo bugizi bwa nabi, abapfuye ni umugore nyene iyo nzu yaturiwe, hamwe n’umuhungu wiwe w’imyaka cumi n’itandatu.

Abandi bari muri iyo nzu bapfuye ni muramukazi wa nyene inzu, akaba nawe yari kumwe n’abana biwe babiri umwe w’imyaka 16, uwundi w’amezi umunani, abo batatu bakaba bari abashitsi ba nyene iyo nzu bari baje kumuramutsa.

Abajejwe intwaro muri komine Gitobe intara ya Kirundo bameneysha ko ubwo bubisha bwoba bwavuye ku matati y’amatongo, kuko uwo mugore nyene iyo nzu yaheruka kugabura itongo n’abo bavukana.

Musitanteri wa komine Gitobe avuga ko umuntu umwe ariwe yamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.