Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Abasuma karuhariwe bafashwe
Kirundo : Abasuma karuhariwe bafashwe
jeudi 4 Nyakanga 2014
Abasuma bari bagisibije mu ntara ya Kirundo bafashwe aho abanyagihugu bafashanije n’abajejwe umutekano, izo nkozi z’ikibi zafatiwe muri komine ya Gitobe.
Muri abo basuma bafashwe bari bamaze iminsi bagisibije muri iyo ntara na cane cane muri komine ya Kirundo, babiri bakaba bari batezuriwe mu gihe bari bamaze iminsi bapfungiwe mu mabohero ya Rumonge na Ngozi. Abo bafashwe bakaba bari barahahamuye abanyagihugu, aho atawari agicaruka ku masaha yo ku mugoroba.
Amakuru ava mu giporisi mu ntara ya Kirundo avuga ko abo bafashwe bari bamaze iminsi bariko bararonderwa, ndetse hakaba haciye hatangwa n’amazina y’abandi basuma b’ikomvyo bane nabo nyene bariko bararonderwa.
Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo rero bakaba basabwa gufashanya n’inzego z’umutekano, intwaro n’ubutungane, mu gushengeza abo bose bagize umwuga ubusuma, bashaka kwama barya ivyo batabiriye akuya.
Aristide Nizigire
Messages
4 Nyakanga 2014, 14:24, par Mama
Kombona agateka kibisuma mu Burundi kataroko karubahiriza mwinomisi Mbomimpa afunzwe?
4 Nyakanga 2014, 16:29, par never
ni muduhe amazina y’abo basuma turayakeneye kandi muyarondere kuko iyo nkuru ntiba ikwiye kugira abantu bayikunde, nmurabe mubaze amazina y’abarko bararonderwa muyashireko tubafashe kubarondera twebwe tubana mumihana iwacu
5 Nyakanga 2014, 12:43, par NZOBONIMPA VENUSTE
IVYOBISUMA.MUBIGWANYE MWIVUYE INYUMA NIVYO BITUMA .UBURUNDI BUTATERA ,IMBERE MUBAGWANYE .MUBAHANA VYAKARORERO .HAMWE NUWUNDI AZASHAKA KUGIRA .IYONGESO .AZATINYA.!!