Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwigisha mu mashuri ibijanye no kurwanya igiturire ni gutegura kazoza keza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Kwigisha mu mashuri ibijanye no kurwanya igiturire ni gutegura kazoza keza (...)

Kwigisha mu mashuri ibijanye no kurwanya igiturire ni gutegura kazoza keza k’urwaruka

jeudi 10 Mukakaro 2014

Ishirahamwe ryiyemeje kurwanya igiturire ririko rikorana n’urwaruka rwiga ku mashuri atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu ntumbero yo kurwanya igiturire kuva ku bakiri bato, kugira kazoza k’igihugu kazira igiturire. Abanyeshure bagira amahiganwa mu vyese, udukino no kwivuga amazina mu majambo yo kurwanya igiturire.

JPEG - 1.1 Mo
Nkurunziza Emmanuel ajejwe ibikorwa muri OLUCOM

Kuva mu ntango z’umwaka w’ishuri w’2013 ushira uw’2014, ishirahamwe rirwanya ibiturira n’ubunyonyezi bw’itunga ry’igihugu "OLUCOME" ryafashe intumbero yo kurwanya igiturire bahereye ku rwaruka ruri mu mashuri. Nkurunziza Emmanuel ajejwe gutunganya ibikorwa muri iryo shirahamwe, avuga ko intumbero y’igikorwa ari gutegura Uburundi bw’ejo buzira igiturire, ni kandi kuronderera kazoza keza urwaruka.

Abanyeshuri bo ku mashuri agera kuri 42 yo mu gisagara ca Bujumbura yatanguye gushiraho imirwi y’abanyeshuri, abo nabo bakora ivyese, udukino, kwivuga amazina, vyose vyerekeye kurwanya igiturire, kwerekana uko gitangwa, uko gisabwa, n’uko corwanywa, imirwi cibonekezamwo cane gusumba iyindi, eka n’ibindi.

Uno munsi kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro, iryo shirahamwe ryaramutse rihuza imirwi y’abanyeshuri y’abaye iyambere ku mashuri bigako mu mahiganwa n’ayandi mashuri. Ibirori vyitabwe ahanini n’abigisha baherekeje abanyeshuri babo hamwe n’abayobozi, tutibagiye abaserukira ishirahamwe OLUCOM. Abo banyeshuri bashikiriza icigwa bateguye kijanye n’igiturire, ico cigwa catangwa nk’icese, agakino, ururirimbo, vyose vyabera imbere y’abatanga amanota. K’urutonde hariko imirwi ishika kuri 20 iva ku mashuri atandukanye.

Ubushimwe bw’amakaye, ibitabu nka kazinduzi (dictionniares) vyari bitegekanijwe guhabwa imirwi yabaye iya mbere.

JPEG - 1.1 Mo
bamwe mu banyeshuri bambaye umwambaro w’igipolisi
JPEG - 1.1 Mo
Bumwe mu bushimwe bwatanzwe

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.