IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mahama : Impunzi zisaba Reta gukura ibirwanisho mu banyagihugu

Mahama : Impunzi zisaba Reta gukura ibirwanisho mu banyagihugu

vendredi 5 Ruheshi 2015

Abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda babayeho mu buzima bubi, ariko bamwe bakavuga ko bazogaruka ari uko, ibirwanisho bifiswe n’Imbonerakure vyaturiwe.

Therence Nzohabonayo arongoye impunzi z’abarundi zi mw’ikambi y’i Mahama, avuga ko bahunze agatotezo, none basaba Reta y’Uburundi ko yokora ibishoboka igakura ibirwanisho biri mu rwaruka rw’Imbonerakure. Ariko rero izo mpunzi z’abarundi zikaba zibayeho nabi, aho bahunze bafise ingorane z’abana batahunganye n’abavyeyi, abana batiga, indwara zitandukanye n’ibindi.

Abarundi bavuga ko bahunga intambara zishobora kwaduka kubera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bakaba babandanya kwiyongera, aho mu bihugu vy’Urwanda, Tanzaniya, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo n’ahandi, babandanya guhunga.


IGIHE

Messages

  • Wewe uvugango uzigarukamu Burundi atabirwanisho bikiruni Burundi ntuzi ibirwanisho bigukukije ahuri ukobingara, rindira mumisi ivyobirwanisho ndakubwiye bigukikije bavyatse babishiremwo umuriro ukobazokwongeza gitesi niko uzibonako arivyiza kujamugihugu cawe canyu camavukiro. Umwanawicangazi.org animation.

  • Mbega ivyo bigwanisho biri mu mbonerakure canke mu batutsi b’aba sans echecs,?Ntawabatoteje ni plan abatutsi bakoze bakaja ku nzu kunzu bavuga ngo turi imbonerakure ngo tuzobamesa,mureke kubeshera la jeunesse ya cnddfdd,bandanya muhunga gashiga izobagarukana,ayo ni amahoro y’umurengera muhunga,muzobaze twebwe twahunga abakomagu dutambuka imivyimba ya ba data,ariko izo mpunzi zarigishijwe kweli,ngo imbonerakure!Ariko nta diplome muzoronka murivyo babigishije ngo muze murasigura!

  • Mwavuga ukuri ariko umuntu yokwibaza ati,musaba reta manza mwibaze ese nibande babibahaye?nimwamara kumenya ababibahaye hama muheze musabe reta nayo izobikora mugabo muzi ababitanze imbere yuko muririra reta.

  • mbega ivyobigwanisho bavuga, nibimwe Bagaza na Buyoya batanga kubanyagihugu kugira birarize kwikingira no kwica abahutu? ko tuzi namagingo aya batarabisubiza!? nibaze badomako urutoki uwabitanze n’uwabihawe aho kuvuga imvugo ifobetse y’ugwitwazo.

  • None ko mwahunze intambara mwakeka ko izohava yaduka ubu hari iyo murabona. Abo mwasize babaye iki? Mwarahenzwe muba I bikoresho reka muyabone bo bigaramiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.