Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Abantu 67 bafashwe bariko baja muri Tanzaniya
Makamba : Abantu 67 bafashwe bariko baja muri Tanzaniya
jeudi 18 Myandagaro 2016, par
Abajejwe umutekano mu ntara ya Makamba bataye muri yompi kuri uwu wa kane abantu baharurwa muri 67 bavuga ko bari bagiye kurondera akazi mu gihugu ca Tanzaniya. Abo bantu bafatiwe muri komine Kayogoro kuri uwu wa kane.
Abo bantu babanje kwumvirizwa n’abajejwe umutekano, mu nyuma haca hafatwa ingingo ko basubizwa iwabo.
Bose hamwe uko ari mirongo itandatu n’indwi, 19 bava mu ntara ya Gitega, 11 ni abo mu ntara ya Kayanza, 16 bo mu ntara ya Ngozi, 23 bo mu ntara ya Karusi, 7 bo mu ntara ya Ruyigi, hamwe n’umwe ava mu ntara ya Muramvya
IGIHE
Messages
18 Myandagaro 2016, 13:46, par Kabango
Hama se uburundi bwabaye prison, ntamuntu wemerewe kubuvamwo ngo aje gushaka amaramuko, aka nakumiro.
18 Myandagaro 2016, 14:49, par Ndabahinyuye
Barabesha Bamaz Iyinga Mugasho Komuri Komine Kayogoro Kigipolice.
18 Myandagaro 2016, 16:48, par Schwarzenegger
Namba bataribafise ivyangombwa bibemerera gusohoka igihugu barimumakosa.
Sinziko hariho umuntu yombwira ihihugunakimwe gusa kw’Isi nzima cobakivugako umunyagihugu Waco ashatse kwigira mukindigihugu acafatinzira akagenda ataruhusha asavye inzego zigihugu zibifitiye uburenganzira.
Rekambonereho kwisabira reta ko bocisha amatangazo keshikeshi ahantu hatandukanye mugihugu avugako kizira kikaziririzwa kwitora ugasohoka igihugu udafise urupapuro rubikwemerera, atuwozofatwa yabirenzeko azohanwa guti naguti. Kandi mukababwira uruhushamutanga korubarufise igihe ntarengwa rwokubabagarutse bakeneye ikindigihe cokugumayo bakabanzakugaruka gusaba kandi, ivyondabizi kobikorwa kubantubakomakomeye ariko ahanshatse kuvuga babanyagihugu batobato usanga wanashaka bagenda mubindi bihugu bibanyi bakoresheje amaguru batanafashe imodoka kuko namahera yokuyifata bitoborohera kuyaronka.
18 Myandagaro 2016, 17:26, par Peace
Nagira baca babaha akazi?None nibabafata bivye bizogenda gute kobababujije kuja kwironderera akazi nabo artakiob baribubahe?
18 Myandagaro 2016, 19:41, par zaburoni
nivyocane abajejwe umutekano nibarikanure gose ntivyunvikana yukoabantubangana nkukokose botorana ngobagiye gucamahera ahubwo bararabo kobataribagiye mumigwi yitera bwoba bantumujejwe umutekano muburundi murakanura maremare
18 Myandagaro 2016, 20:06, par mugisha
Nibabareke bironderere
18 Myandagaro 2016, 20:07, par mugisha
Nibabareke bironderere
18 Myandagaro 2016, 20:07, par mugisha
Nibabareke bironderere
18 Myandagaro 2016, 20:24, par turaje
uburundi bwabaye prison ndakesera
mwebwe bakomeze babahume amaso bababeshya ngo nu Rwanda rubitera muzabona amaherezo yabyo dore batangiye kubabuza gusohoka igihugu.
19 Myandagaro 2016, 07:29, par Burundi
Kurondera akazi sibibi none bacabagenda hamwe bava muntara zitandukanye?Aho ntubona ko arikibazo?
19 Myandagaro 2016, 10:26, par Maniriho Ruben
nikubera iki twe mutubuza kuja mumahanga?
19 Myandagaro 2016, 18:34, par Daniel
Kurondera Akazi Sibibi Mugabo Birimwo Amahinyu Kubera Bafashwe Ari Beshi !!!!
19 Myandagaro 2016, 19:35, par ONE LOVE
KUBAHO NIMANA KANDI NTAWUTINYA GUPFA ABAJA MUMIGWI NTIBAGENDA ARI IGIKUKU ABO NABO NIBAZA KO BARI BAGIY GUHAHA
19 Myandagaro 2016, 20:13, par jean
Ibimenyetso vya genocide ngivyo.ubu nta muntu uzojabuka imbibe z igihugu.imbonerakure zigiye kutumara
20 Myandagaro 2016, 12:31, par Diego Mfuranzima
Nibabareke Bahige Ubuzima Ubu Harababa Ndazi Bamwe Nabanyeshure Bahiga Ibikoresho.
20 Myandagaro 2016, 12:49, par Dieudonné
Bareke Inzara Ntibicire Mubana.
22 Myandagaro 2016, 14:46, par tupo
ntabashaka ikibi bagenda ikirwi
26 Myandagaro 2016, 10:03, par SWEDY BAR
IVYO NIVYIZA
26 Myandagaro 2016, 10:04, par SWEDY BAR
IVYO NIVYIZA