Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Abaporisi bemeye ko bivye umunyagihugu ibihumbi 70
Makamba : Abaporisi bemeye ko bivye umunyagihugu ibihumbi 70
mardi 23 Ruheshi 2015
Abapolisi batatu harimwo uwutwara ikirindiro azwi kw’izina rya CIZA,bateye mu rugo rw’umunyagihugu ruri muri zone Mbizi ya Komine Kibago, mu ntara ya Makamba,mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi,2015.
Nk’uko amakuru dukesha SOS medias BURUNDI abimenyesha, abo baporisi binjiye mu rugo rw’umwigisha azwi kw’izina rya Claude, nk’igihe c’isaha zitatu n’igice z’ijoro, batangura bamutera ubwoba ko yagiye mu myiyerekano yabaye haraheze iminsi. Abo bapolisi baciye batera ubwoba uwo muryango, bongera bamutwara ibihumbi 70 vy’amafaranga y’amarundi, baca baragenda.
Umukuru w’ikirindiro c’abaporisi azwi kw’izina rya Ciza, mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, yemeye ko bivye ayo mahera, ariko akavuga ko igihe ivyo vyaba yari aborewe, aca yemera gusubiza ayo mafaranga.
IGIHE
Messages
23 Ruheshi 2015, 15:29, par NDUWIMANA ALEXSI
Je mbona yuko abobantu bopfungwa kuko ubgambere akaborerwe karahanwa.
23 Ruheshi 2015, 15:40, par NDUWIMANA ALEXSI
AKABOREGWE KARAHANWA
23 Ruheshi 2015, 15:56, par BURUND
NKURUNZIZA NIYUVE UMUTI WABAFASHE
23 Ruheshi 2015, 16:08, par dieugo
ayasubiza kubera yafashwe?iyatafatwa naho vyagenda gte? izo nzoga aho kwereka akarorero keza nebo batagura kumena amazu uti iraharuwe imisi yigisuma
23 Ruheshi 2015, 16:14, par Celestin lovad mununi
Uwuramvye azobona!dusigaye twibwa nabodukingiye!ariko leta irakwiye gutanga imihoho kuko niyo ituma ibi vyose kuko abapolice ntibakirya inyuma yaho abahora badufash babakuyeko amaboko!
23 Ruheshi 2015, 16:16, par pajo buja
nihatari nibindi bir inyuma. murateye isoni.
23 Ruheshi 2015, 16:53, par Bucumi
Nibindi nibabivuge ariko mwabuze kutabaha inkoni sha inderetsi y’isuma niyo suma. None ko mutavuze ababatumye,iki kiringo cagatatu kigiye gutuma nabapfa akarimbi bagandagurana mukwikingiriza ibi biriko biraba mugihugu emwe mutama yitwa wanje yiwa Ndabirorere naje ndi Nzobandora.
23 Ruheshi 2015, 17:01, par Bella
Mana yanje!!!ibara neza.voila notre police ico ishoboye gukora:kwiba no kwica gusa.
23 Ruheshi 2015, 18:31, par JEAN
JEWE MBONA AKWIYE GUFUNGWA NABOBARIKUMWE KUKO NIBISUMA NONE IYO BADAFATWAHO VYAGENDA GUTE? NIBAHANWE NIHO NABANDI BOTINYA
23 Ruheshi 2015, 19:11, par cyriaque
mbebasha umukuru wa cndd fdd yabimenye? ngira agiye yabonako reta yabo nabayiyoboka aribo baturara kumugono ntasubire guhenda abantu ngo ni oposition ihungabanya umutekano.hahaaaa!!teshwa mute twarabahinyuye.
23 Ruheshi 2015, 20:10, par Mupfungireyo!
Ewe bapolisi mukora nk’ivyo! Murateye isoni, muratumaramaje, bakwiye kubapfungira mw’iwese, toilettr mukamarayo nk’indwi!
24 Ruheshi 2015, 06:36, par Melchiade
Nivyo Kuko Bari Bikoreye Umugabo Mubi Bukeye Baravyutse Batembereje Ubwenge Basanga Banyereye Kuba Bivyukiranije Nabandi .Ubona Ba Ntaharanir,ivyicaro Vya Politike Iyo Bamanika Amaboko Uburi Bwobaye Paradizo
24 Ruheshi 2015, 16:40, par BJ
Ahubwo Imana is himwe ko batishe.waruziko ari banda mbama bakora amaraso?nabonyene uwo avugango nakaboregwe iyo bamuboreregwako yohinduye imvugo ntamuntu aborewe ashobora gut era umuntu atabore .Niko Obama babigira bibagirako imisi yigisuma ari 40
24 Ruheshi 2015, 20:42, par Ntwari Jean
Nivyo Vyeze
25 Ruheshi 2015, 05:10, par Abdur
Ntamushahara Bakironka?
25 Ruheshi 2015, 11:49, par ntakwihenda
ah kand usanga bazobndanya bitwa abajejwumutekano?igipolice cuburundi nicambarijipo
3 Mukakaro 2015, 22:12, par kayabu clisse
hahaaaaaa!!! emw nakamaramaz nabapolic nab mumaz trgow