Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Abasirikare 50 nibo bahasize ubuzima 48 barakomereka (...)
Mali : Abasirikare 50 nibo bahasize ubuzima 48 barakomereka cane
lundi 26 Rusama 2014
Mu mirwano yabaye hagati y’igisirikare c’igihugu ca Mali i Kidal n’abarwanyi bo mu murwi w’aba Touareg, abasirikare bagera kuri 50, nibo bahasize ubuzima.
Muri iyo mirwano rero nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’igihugu ca Mali ajejwe kwivuna abansi, avuga ko igisagara kiri mu Burengero bushira Ubuseruko, ubu kirimu minwe y’abo ba Touareg, inyuma y’imirwano yabaye.
Soumeylou Boubèye Maïga umushikiranganji wo kwivuna abansi, akavuga ko mu mirwano yo kuva ku wa 17 kugeza ku wa 21 Rusama, babuze abasirikare bagera kuri 50 bapfuye, nayo abandi bagera kuri 48 bagakomereka cane, n’ibintu vyinshi vyononekaye.
Mwomenya ko aba Touareg babica bigacika muri ico gihugu ca Mali, aho abantu batari bake bamaze guta baromoka, abandi nabo bakahasiga ubuzima mu mirwano itandukanye.
Aristide Nizigire
Messages
26 Rusama 2014, 16:03, par NKESHIMANA
None nkaho Union Africaine barindiriye iki kugira ngo batumeko inseruka rukamvye Ingabo zigihugu c’uburundi kugira zije kwihurira nubwobugabo bwubu Touareg?
26 Rusama 2014, 22:08, par Mulimisi
Ewe nkeshimana aho urabona ko ingabo zigihugu cacu ari bakarwanyi gusumb’abandi