Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maramvya : Ikiziga c’umusore atamenyekanye catowe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Maramvya : Ikiziga c’umusore atamenyekanye catowe

Maramvya : Ikiziga c’umusore atamenyekanye catowe

mardi 5 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu Maramvya, hafi y’ikiraro kigabura Buterere na Mutimbuzi. Uwo muntu yishwe ni umusore afise nk’imyaka 25, abamubonye bose bakaba batashoboye kumumenya.

Abanyagihugu baba hafi y’ahatowe ico kiziga bamenyesha ico kiziga cazanwe n’imodoka batamenye, atabwaho ari ikiziga.

Uwo munyagihugu yishwe arashwe, abamwishe bakaba kandi baramukereye ibihimba vy’irondoka.

Abajejwe intwaro bakaba baciye bajana ico kiziga mu buruhukiro, mu kurindira ko hari abomenya uwo muntu yagandaguwe.

Hari uwundi munyagihugu yamenyekanye kw’izina rya Yeremiya KARENZO yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri. Uwo munyagihugu yahora aba muri komine ya Kayanza, intara ya Kayanza yarashwe n’abantu bataramenyekana, bamutegereye ariko arataha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.