Accueil > Amakuru > umutekano > Mathias Sinamenye amenyesha ko agiye kwitura ubutungane
Mathias Sinamenye amenyesha ko agiye kwitura ubutungane
lundi 17 Munyonyo 2014
Mathias Sinamenye yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu avuga ko aja kwitura igiporisi na parake, kugira amenye igituma yasatswe n’igiporisi atarupuro rwo kumusaka bafise.
Muri iryo sakwa ryabaye kuri uyu wa 16 Munyonyo mu mazu asanzwe ari muri Rohero ya kabiri, ahasanzwe hari urugo rw’uyo yahoze ari icegera ca kabiri ku ntwaro ya Petero Buyoya, ababa muri iyo micungararo bakavuga ko basatswe hadakurikijwe amategeko. Nk’uko yabibwiye bagenzi bacu ba RPA ijwi ry’abanyagihugu, Mathias Sinamenye avuga ko hakiri kare kugira amenye namba iryo sakwa yagiriwe ryoba rifitaniye isano n’ibikorwa vyiwe vya poritike, ariko akamenyesha ko agiye kwitura ubutungane afashijwe n’uwumuburanira.
Amenyesha ko yasatswe ku nguvu n’abaporisi batagira impapuro, abo nabo bakaba bashitse ku rugo iwe mu gatondo ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Munyonyo uwu mwaka, babanje kudodora ku rugo iwe, ababajije impapuro zo kumusaka, baranka kuzimwereka, ahubwo bakamubwira ko bashobora kumusaka ku nguvu.
Aristide Nizigire
Messages
17 Munyonyo 2014, 09:51, par Hussein
mutama ndabasa ko mwovyitwaramwo buhorobuhoro urazi yuko murico gihugu canyu kata butungane mumfise ubanze ubaze Uwundi Mutama Yitwa Clavel Bonimpa
17 Munyonyo 2014, 11:17, par Butame Emmanuel
Ko mbona umenga n’umuhumure bari bamwiketseko iki?Aho baaje marimari no kurya mutama ataco biketse aho hantu!Hari ico batoyeyo? hari ico boba bamwononeye? azokwitwarira abo ba polisi kandi bari ku kazi kabo!None biyadukiije atawabatumye , ni hatari ya burundi!Araca afasha kuburana n’abandi basatswe ndibaza ko atasatswe wenyene!Ariko yobanza agahanuza, kuko har’aho yoba yabanje kubagora ugaca umengo yashatse kurengera amategeko,kuko barya barinze baza ukadadaza, uba uroze intamba ibisazi !ikindi, hamwe boba basatse gusa, atakindi kiri inyuma, niyihangane!
17 Munyonyo 2014, 14:16, par inamahoro
nibaza ko uwo mutama ari incabwenge kandi n’umukurambere. de toutes les façons hariho procedure bacako mugusaka umuntu naho woba utwara isi yose. kuki yabasavye impapuro? s’uko yarazi ko uwuja gusaka umuntu aba afise manda de percusition? ikibabaje n’uko tutazi ko azitura ubutungane canke ubucamanza
17 Munyonyo 2014, 14:26, par Sivyubu
Reka bamusake none wewe ntiyabikora arikumwe na buyoya ingoma irahinda hakaza iyindi ubuhari iyabandi kubera iki umuntu yarishe iyo nawe bagiye kumusubiriza munkoko atera induru? Ukamengo nawe abigira yaramazi asesa ntiyari amaraso ubu vyarahindutse
17 Munyonyo 2014, 14:37, par TURIHO
Nta mututsi numwe abo bavuye KILIBA ONDES barikumwe n’aba Policiers anciens Rebelles barikumwe n’Imbonerakure bategerezwa gusaka urugo rwose rubamwo umututsi. Bariko kandi baragira recensement Y’abanya Rwanda baba i Bujumbura.
Ntaco tuzoba nibabimenye, CIBITOKE (ca Rugombo) imbonerakure zigira Défilé muri tenue militaire, batemberana inkoho ariko baja gusaka NGAGARA, ROHERO na KINANIRA
17 Munyonyo 2014, 15:17, par Nikobamye
Pole mutama ushimimana kobtakurungikiye imbonerakure ,ngozigukangaze ijoro, canke rwarwego gwipelereza ngobaze kugukemura,uraga barakuziriye intango yubuhanza namasoso .ejo bazogushikiriza Nyamizi agucire zamanza acira murutara ,abarundi ngo hica umukeko,uragabeeeee!!!!!!! Ivyomunyuma uzovyakiza abiri.ubutegetsi bwa dd bwafutanye,buzi kuguguna izo bworagiyeeee!!!
17 Munyonyo 2014, 16:59, par muvyindi
Ngo aritwara kuko bamusatse?nimudasakwa rero?amanyama yabatutsi?!!!mbe ntimurabonak vyose bishoboka?ubu ntamategeko araba bamwe gusa.urarushinga abacamanza harahari bazogutunganiriza.ahubwo ufise ivyo wiyotsa......
17 Munyonyo 2014, 19:46, par Burundi
Stupid and unlettered police officers from burundi who do everything without warrant documentation!!!Crazzy gouvernment of Bushmen
17 Munyonyo 2014, 21:00, par christian Banzubaze
Mathias niwiture ubutungane ark Nyamizi niyo urwo rubanza rwamushika mu minwe azoruhindukiza pe! Ubwo butungane bubohewe amaboko imugongo kdi na Augustin Nsanze yavyiyemereyeari Geneve.
17 Munyonyo 2014, 21:40, par Burear
Uwiyise Burundi, ukondabibona niwewe uri stupid canke crazzy kukumuntu asomye ivyowanditse niwewe ukwiye kuba Bushmen! Nonaho intererano yawewatanze twebwe abasomyi kwatayotubona muriyi comment yawe? Ayomazina wise abandi: Stupid, Crazzy, na Bushmen wewe arakibereye!.
18 Munyonyo 2014, 16:13, par vyunvuhore
Ndaramukije abasomyi b igihe. Ngo umuhutu umuvura intongangira ngobuce ngwingo twiruke. Mutama igihe mwabaha igihugu mwari muzi ko bazobashimira? igihe mwahora mubuza igisoda kurwana mwagira ntibazobarwanya? erega ntibabizera. witwarahe? urahafise? wibaza ko ukiri vice president? Nyene icubahiro yaravuze ko amase ya kera atagihoma urutaro. ubu mubantu bose mubana niwe wabonye ko warenganizwe? abatutsi mwamanye akadada kweli. teshwa mute. Bamwemera, kubereki mushaka ko intwaro iguma hahandi, gushika ryari? turarushe n ivyiyunviro vyabatutsi. nimureke ingendo igayitse.