IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mpimba : Abanyororo biriwe mu ruhagarara

Mpimba : Abanyororo biriwe mu ruhagarara

mercredi 18 Munyonyo 2015, par egide

Mw’ibohero rikuru rya Mpimba hiriwe kuri uwu wa gatatu uruhagarara rw’abanyororo, ruvuye kw’irementanya bamwe mu banyororo bavuga ko bateguriwe. Bamwe muri abo banyororo bahagaritswe n’igiporisi.

Intango ya vyose ni genenade yatowe muri iryo bohero, mu kibanza gipfungiwemwo abanywanyi b’imigambwe ya MSD na FNL. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, igiporisi co mw’ibohero rikuru rya Mpimba caciye gihagarika bamwe mu banyororo, ari navyo vyashavuje abandi banyororo, bamenyesha ko ari irementanya ryakorewe abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bapfungiwe muri iryo bohero.

Abanyororo bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko iyo gerenade yinjijwe n’uwundi munyororo muri iryo bohero, mu ntumbero y’ukwagiriza abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko aribo batunze ibirwanisho.


IGIHE

Messages

  • Nn Ayo Marementany Ga Yemw Azohra Ryari?Umunyororo Arashobora K8njra Mu Gasho Atasatwe?Aho Abo Barementanirijwe Bashak Ukun2 Baja Kubicira Muri Nyabagere Mu Masaha Y’ijoro!M8hagarareko Ntimwemer K Babasohora Kk Nimwasohoka Muzoba Mu16zey I6i! Komera 2r Inyuma Yany.Kaza Roho Jamani Ila Mbele Ni Gado

  • Nn Ayo Marementany Ga Yemw Azohra Ryari?Umunyororo Arashobora K8njra Mu Gasho Atasatwe?Aho Abo Barementanirijwe Bashak Ukun2 Baja Kubicira Muri Nyabagere Mu Masaha Y’ijoro!M8hagarareko Ntimwemer K Babasohora Kk Nimwasohoka Muzoba Mu16zey I6i! Komera 2r Inyuma Yany.Kazeni Roho Jamani Ila Mbele Ni Gado

  • Mbe ivyobinywamaraso vyabapolisi ba 3 mandat bavumw n’Imana?Nn ibirwanisho vyoshika mumpimba biciye he?Bobo baba bacunze iki? Ico bomenya ntavyama hahandi igih kizoteba gihinduke.je sinzi ko haruwurashik kumpimba ngwarabukunt nuwugiy gusuhuzuwiw atanakany bamuha hama ngo hinjira ibirwanisho.umusi bobironka haricomwobona.

  • Nakamaramaza abobahungu bankurunziza urworumogi birirwa baranwa rwarabatwaye ubwenge. kwibohero ntakintu cijira kidasaswe ni vyokurya birindwa gusanzazwa barabe uwabizanye kwatabintu yaje anyegejemwo, none iyo gerenade yijiye mumuyaga? iyo ninteguro ya teguwe na bo ba porisi birirwa ngoho babikoze kugira baronke kugene bobica. kukico nticumvikana ntamunyororo yi gera asoka rwagende gutembera hanze rwabone kwijiza gerenade? nuwurwaye atwawe kwa muganga agenda acuzwe na pingo kumaboko, twarabahinyuye kuva kera niko bamye bataronse amaraso batwara ikuzimu mwashetani nti baronka amahoro.

  • Nibababaze,ariko ntibabarementanirize ibinyoma imana iradukunda

  • None Ubu Nyene Iyo Umuntu Mubuze Aho Mumuca Kurubanza Ataho Rufatiyee Ubu Nyene Mwihayingeso Yo Guca Murementaniriza Abashaka Kwezwa?Mbe Hoho Ko Tuzi Umunyororo Wese Yinjira Ibohero Abanje Gusakwa Ivyo Birwanisho Vyaje Mumuyaga?Ahubwo Nyimba Ubutungane Bwananiwe Nibutange Imihoho Vuba Ibintu Bitaraba Urudubi.

  • Bavukanyi,ntagikenew Kindi Nukwih,Imana Yo Mushobora Vyos Ntakindi Kiza Kiyiruta.

  • Ewe Burundi! Amarementanya Akabije Uzoyaruhuka Ryari? Mana Dufashe Peee!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.