IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Abana babiri bo mu muryango umwe bagandaguwe

Rutana : Abana babiri bo mu muryango umwe bagandaguwe

mardi 5 Myandagaro 2014

Abana babiri bo mu muryango umwe nibo bagandaguwe hakoreshejwe imipanga muri komine ya Mpinga-Kayove mu ntara ya Rutana.

Ku musozi wa Muganzo, komine Mpinga-Kayove intara ya Rutana, akaba ariho habereye iryo bara. Umwana w’imyaka ibiri hamwe n’uwundi w’imyaka itandatu bose bava mu muryango umwe, bakaba aribo bagandaguwe hakoreshejwe umupanga. Abo bana bose bishwe n’umwe mu ncuti zabo, bivugwa ko yoba adakwije neza mu mutwe. Inyuma y’ugukora iryo shano, uwo murwayi wo mu mutwe nk’uko bivugwa, akaba yaciye yigira.

Mu ntwaro muri iyo komine ya Mpinga -Kayove, bakaba basavye abantu bose canke imiryango yose yoba ifise bamwe mu bakehabwenge, ko bobakurikiranira hagufi, kugira ntibaze barakora amabi nk’ayo. Ivyo bikaba vyashikirijwe na musitanteri w’iyo komine, inyuma y’ukumenya ko abo bana babiri bishwe. Abo bana bishwe, bakaba baciye bafubanwa iteka.


Aristide Nizigire

Messages

  • Birababaje Cane Ark Umuntu Yiyumviyko Nuwo Muntu Asanzwe Adakwije Ubwenge Ababuze Ababo Batase.Bokwihangana Ark Abanyagihugu Bakazoza Baririnda Bongera Bacakure Uwo Musa Mprograma Umukeha Bwenge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.