Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mrisho Jakaya Kikwete yakorewe mu ngata na Dr John Magufuli - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mrisho Jakaya Kikwete yakorewe mu ngata na Dr John Magufuli

Mrisho Jakaya Kikwete yakorewe mu ngata na Dr John Magufuli

vendredi 30 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi wigenga ujejwe amatora muri Tanzaniya wamenyesheje kuri uwu wa kane ko Dr John Magufuli, yari yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CCM (Chama Cha Mapinduzi) mu matora y’umukuru w’igihugu, ariwe yatsinze ku majwi agera ku bice 58 kw’ijana.

Dr John Magufuli wo mu mugambwe wa Jakaya Kikwete yahora aramutswa Tanzaniya yakurikiwe na Edward Lowassa yaronse amajwi agera ku bice 40 kw’ijana, nk’uko bimenyeshwa n’umurwi wigenga utegura amatora muri Tanzaniya.

JPEG - 26.7 ko
Dr John Magufuli wo mu mugambwe wa Jakaya Kikwete yahora aramutswa Tanzaniya

Abandi bahiganwe na Dr Yohani Magufuli bakurikiranye uku gukurikira :

Anna Elisha Mghwira (ACT Wazalendo, amajwi 98,763; Chief Lutalosa Yemba (ADC), amajwi 66,049; Hashim Rungwe Spunda (Chaumma), amajwi 49,256; Kasambala Janken Malik (NRA), amajwi 8,028; Lyimo Macmillan Elifation (TLP), amajwi 8,198 hamwe na Dovutwa Fahmi Nasoro (UPDP), amajwi 7,785

Bamwe mubahiganwe na Dr John Magufuli, harimwo na Edward Lowassa yatahukanye ikibanza ca kabiri, bamenyesha ko batarota bemera ivyavuye muri ayo matora, bakavuga ko yaranzwe n’ubusuma.


IGIHE

Messages

  • Nimwigire kubandi mw’aba dd mwe! Igihugu s’icumwe. Kigigwa n’abantu. Rabe kare igihugu caharugwa muri 25 mubukene, Ariko ubu nico gikenye kurusha ibindi vyose kwisi. Mubona vyukuri mutumariye iki ? Ibaze namwe. Umengo muri imvunja mugihugu. Kandi ibi bivuye k’umuhutu akunda igihugu.

  • @Worlde
    "Kandi ibi bivuye k’umuhutu akunda igihugu."
    Mbega gukunda igihugu n’ugupfa kubivuga gusa? Ahoho n’abandi niko bavuga!
    Ahubwo bishire mu ngiro utwereke ko atari akarimi gusa nka kamwe ka Mp.!

  • MAGUFURI ni umugabo nka kikwete. Nizere ko umwicanyi KAGAME ubu ari kunnya mupantalo kuko uwo yari ashyigikiye ariwe LOWASA ngo azabafashe gukora Empire hima-tutsi yatsinzwe.

  • Empire hima irabapfanye abo batutsi niyo programme yabo bari bafise.pole Sana baze.uyo numugabo nka son excellent président wacu.nibatekereze inyaka cumi nitanu niyo igihugu gitwara umuhutu niyo yabananiye kwihangana natwe badutwaye mirongwine twaratekereje.tekereza bagenzi reka kwiyahura.pole pole

  • @ Bakary

    Mbe wewe ko utanzi nanje sindakumenye, womenya gute ko hri ico ndiko ndakora canke ntariko ndakora? Kubaza navyo birakenewe. Reka kwigira ndabizi.

  • Muburundi Kwikunda Ntibizovaho Mbeko Kikwete Atanzubutegetsi Haruzomubuzakurya?Barundi Nimwigireho Mumenyeko Igihugu Ataricumwe.

  • Komera Kikwete urumugabo wa bagabo iragi rya Nyerere wa raryumiyeko. Na twa barundi twari dukwiye kurabira kugihugu ca Tanzania, uburyo bihagateka mugihugu nomumakungu, Nkurunziza Petere iya taba intagodwizosi abantu ntibaba bariko baratikira.wawundi ngo inda ndende ihumirirya. kandi ngo umuhanuzi mubi angana umurozi, Nkurunziza nawe ya rabuze abamwegereye bamuhanura, nabarihafi yiwe zabaye imvurizi gusa, harya gutwara ntivyoroshe bisaba kwiyumvira, nokuyungurura muvyabahanuzi bawe bakuhanura,kuko murabo harimwo beza nababi, iyu tumviye abobeza,kumvira bababi igihugu kiba kiguye mumanga. abantu nabo bagasigara bitwengera, nkuko bariko baratwenga unomusi kugihugu cacu cu Burundi.

  • Ahubwo Aba DD BARAGOWE KKO MAGUFURI NTAZOSHIGIKIRA AMANYANGA YABO NKA KIKWETE!!! MWIBUKE BABA DD5 YIRUKANA BAGIYE MURI MITING YIWE!!!

  • Tanzaniya Presida Kikwete Niyirambire Kandi Ndazi Kobakundana Na Presida Nkurunziza Namwegere Baganire Amuhanure

  • ABANYE POLITIQUE BOSE NUKO BIMEREYE.

  • ese muburundi kuki tutofatira akarorero ku bandi? igih cose twikwegereko vyanke ko tubisa aband? turakwiye kumenya ko abatamvyi beza bakurana, mu gihe agumye ar’umwe arambira abarorerezi. Ni mwige mwa batware!!!!!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.