Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu gipolisi barahumuriza ku masasu yumvikanye ejo mu gisagara ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mu gipolisi barahumuriza ku masasu yumvikanye ejo mu gisagara ca (...)

Mu gipolisi barahumuriza ku masasu yumvikanye ejo mu gisagara ca Bujumbura

mardi 9 Mukakaro 2013

Mu gipolisi c’Uburundi bararemesha ku masasu yaraye yumvikanye muma komine ya Gihosha, Cibitoke na Nyakabiga mw’ijoro ry’ejo kuwa mbere rishira iryo kuwa kabiri, bakamenyesha ko bari abasuma bariko bashaka gukora ubugizi bwa nabi.

Mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru w’insamirizi y’abanyagihugu RPA kuri ngendanwa, icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Petero Nkurikiye amenyesha ko ayo masasu yumvikanye muma komine atatu atandukanye ata sano ahanini afitaniye, uretse abagizi ba nabi bari bitwaje ibirwanisho.

Mu Gihosha, umugizi wa nabi yateye igerenade kuri komine yonona imodoka. Abapolisi baragerageje kumukurikirana ariko abaca murya humwe.

Muri Komine Cibitoke, abapolisi bari mu bikorwa vyabo vya minsi yose vyo gukizura, bahura n’abitwaje ibirwanisho, baca batangura kurasana.

Mu Nyakabiga naho, abanyagihugu batanu bari bavuye mu bunywero kwivuna akanyota, bahura n’uwitwaje ikirwanisho co mu bwoko bwa pistolet, aca arabarasa, umwe muri bo arakomereka.

Petero Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi akaba ahumuriza, amenyesha ko ari ibikorwa bisanzwe vy’ubugizi bwa nabi, akamenyesha ko bagiye gukomeza umutekano cane cane mu bice bibonekamwo umwijima mw’ijoro, mu gisagara ca Bujumbura. Amenyesha kandi ko bagiye gukomeza ibikorwa vyo gusaka ibirwanisho vyoba bitunzwe n’abanyagihugu batabifitiye uruhusha.

Petero Nkurunziza yarangije asaba abanyagihugu gukomeza gukorera hamwe n’abajejwe umutekano, hagize ico bikeka bakakimenyeshe abajejwe umutekano.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.