Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba : Bamwe mu banyagihugu ntibakirara mu mihana yabo
Mugamba : Bamwe mu banyagihugu ntibakirara mu mihana yabo
mercredi 5 Munyonyo 2014
Abanyagihugu bo muri komine Mugamba y’intara ya Bururi baratewe ubwoba n’imirwi y’abantu batembera ijoro bambaye amakoti maremare. Abo bantu batembera mu mirwi baba bafise amasokoshi, abanyagihugu bakiyumvira ko zoba ari inkoho baba banyegejemwo. Musitanteri wa komine Mugamba arabihakana, agasaba abanyagihugu bokwikeka umuntu ko boca batabaza abajejwe umutekano.
Mu nama yagiranye n’ababuramatari b’intara hamwe n’abasanzwe barongoye amadini n’amashengero kuri uno wa mbere, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yaremeje ko hari imigwi yiterabwoba imaze kwinjira mu Burundi, akavuga ko n’ibikorwa vyo kwitegura gutera bimaze gutangura mu ntara zimwe zimwe. Umushikiranganji Edouard Nduwimana yasavye abarongoye intwaro n’amashengero kugabisha abakirisu barongoye. Ayo makenga y’uwo mushikiranganji yahuriranye n’ubwoba bw’abanyagihugu bo muri komine Mugamba i Bururi, bamenyesha ko bamaze iminsi babona abantu biyerereza mw’ijoro, bagatembera mu mirwi bafise amasokoshi, abanyagihugu bakiyumvira ko zoba ari inkoho baba banyegezamwo. Abanyagihugu bavuga ko batakirara ku mihana iwabo.
Twarondeye musitanteri wa komine Mugamba kugira atumenyeshe ico bategekanya gukora mu ntumbero yo gukingira umutekano w’abo banyagihugu batekewe n’ubwoba, ariko atumenyesha ahubwo ko ivyo bivugwa atarivyo. Jean Claude MATUNU, musitanteri wa komine Mugamba yatumenyesheje ko ata bantu bitwaje ibirwanisho biyerereza muri komine arongoye, kuko ata munyagihugu aramwitura amubwira ko yababonye. Jean Claude MATUNU asaba abo banyagihugu ko botabaza abajejwe umutekano umwanya wose babonye umuntu bakamwikeka. Jean Claude MATUNU avuga ko umutekano ukwiye muri komine arongoye, ko n’iyo bishitse ugahungabana aba ari abasuma.
Egide Nduwimana
Messages
31 Gitugutu 2015, 19:21, par Hatungimana
Mumugamba Twatewe