IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mugamba : Umusore yarasiwe mu myiyerekano yashinguranywe iteka

Mugamba : Umusore yarasiwe mu myiyerekano yashinguranywe iteka

mercredi 27 Rusama 2015

Niyomwungere Innocent yaandaguwe ku wa 25 Rusama muri komine ya Mugamba intara ya Bururi yashinguranywe iteka, inyuma y’urugendo rurerure rwagizwe n’abantu batandunaye.

Inyuma y’imyiyerekano yabereye muri iyo komine kuri uyu wa 25 Rusama, umusore w’imyaka 23 akahasiga ubuzima, abasanzwe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza aho muri iyo komine ya Mugamba bakaba bagize urugendo rurerure, bafise ikiziga c’uyo musore mu minwe, bagenda bararirimba indirimbo z’Imana.

Imisa yo kumusezera ubwa nyuma irangiye, abanyagihugu bo muri iyo komine ya Mugamba bakaba baciye baja ku biro vya komine, aho baciye baririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, mu nyuma bagira urugendo rw’ibirometero bitatu n’amaguru. Amakuru dukura aho mu Mugamba, ni uko musitanteri w’iyo komine Jean Claude Matunu atashoboye kuhagera, mbere bikavugwa ko yarungitse n’umwe mu bakorana nawe, uyo nawe aranka, kuko ku bwiwe atabona ico yari guhava avuga imbere y’umuryango wabuze.

Abo muri iyo komine ya Mugamba, bagiriza musitanteri ko ariwe yatanze itegeko ryo kurasa abari mu myiyerekano, mu gihe mu ntango abaporisi batari bigeze babarya n’urwara. Bamwagiriza kandi ko ivyo vyose ariko abikora, mu gihe abanyagihugu b’aho mu Mugamba bamwankiye ko aja kwiyamamaza, ndetse mu mazone atandukanye ya Mugamba, hakaba hagiye hibonekeza imirwi y’abantu yankira abanyagihugu kwitaba aho musitanteri Jean Claude Matunu yiyamamariza umugambwe UPRONA ishami rya Concilie Nibigira.


IGIHE

Messages

  • IMANA RUGIRAVYOSE IKWIYE KURENGERA UBURUNDI

  • IMANA yakirane ugweze iyo ncungu ya commune mugamaba, hanyuma matunu nawe ari muri bamwe bazorira bakabura iyo banyikira umunsi intahe izofata ijambo, mureke nubu ngira aratanguye kwiyagiriza; uti wize nabi nico gituma ukoze nabi kuko uko siko twari tukuzi mu minsi yahera. uti ntaco uriko urakwirikira muta

  • Mama jeeewe,naheruka abasavyantete kera,muribuka imigano yabo ku muhutu muri 72,ninde yoba yibuka muzinga muri campus kamenge amabi yadukoreye?Ikidaji kiraho mu gahanga kwa leonidas yari amwishe imana irakinga!!!Nogatangaye ko imigumuko yobaca inyuma!

  • Amakuru yiriwe yemeza ko za mburagasa z’imihirimbiri zitajya zivana amaboko mumpuzu ubu zacitse intege. Uwanga Peter niyiyahure kuko guhungira iwacu mu Rwanda bitubangamiye kuko indaya arizo zihunga gusa none zikaba zigiye kutubibamoSIDA.

  • A batutsi murakwiye gutekereza tukabana mwamye mwibaza kwari. Frodebu mwakora hasi ikiruka ubu Ni INKONA. Namaso iramena vyiza reke tubandanye tubana si NDADAYE mwakerye nkinsake c anke. Ntibantunganya mwateyamavyi mwogomba mukoroha.

  • A bamwishe bose azobahumira bazopfa bayerera nka gahini

  • IYABA MWIBUKA GAHINI IVYAMUSHIKIY NTIMWOSHESH AMARARASO NIMUREKE KWIYAHURA NKA YUDA TUZOCA URUBANZA MUMATORA AMARASO NTAWO YEREYE.

  • IYABA MWIBUKA GAHINI IVYAMUSHIKIY NTIMWOSHESH AMARARASO NIMUREKE KWIYAHURA NKA YUDA TUZOCA URUBANZA MUMATORA AMARASO NTAWO YEREYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.