Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Abanyeshure batanu bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu (...)
Muramvya : Abanyeshure batanu bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barekuwe
jeudi 4 Myandagaro 2016, par
Abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya barekuwe. Mu munyororo hasigayeyo babiri baserukira abandi. Abo barekuwe bahora bagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu.
Ico caha bacagirijwe inyuma y’aho isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha isibanganijwe. Abanyeshure barekuwe ni Fleury Niyonsaba, Avit Ndayizeye, Darlène Dusabumukama, Alice Irakoze hamwe na Ismaïl Ndorimana
Mu munyororo hasigayeyo abanyeshure babiri aribo Alexis Mugerowimana asanzwe ariwe aserukira abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya, hamwe na Parfait Irankunda, icegera ciwe.
Inama nshingamateka y’Uburundi yaheruka gusabiye ikigongwe abanyeshure bo mu mihingo itandukanye bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
Umugwi wamaho mu nama shingamateka y’Uburundi, ujejwe ibibazo vy’indero wavuze ko mu matohoza wakoze, wasanze ata na kimwe cerekana neza ko abo banyeshure bo mu myaka y’umunani n’icenda bapfunzwe aribo vy’ukuri basibanganije iyo sanamu.
Abashingamateka bose bafashe ijambo bahurije ku kigongwe cohabwa abo banyeshure bariko barakurikiranwa n’ubutungane, abamaze guciribwa imanza bapfunzwe nabo bakarekurwa.
IGIHE
Messages
13 Myandagaro 2016, 19:56, par KANUMA
baribakwiyeguhashwa ivyobijuju gumakwivoramutama tuzobatwaramwankamwemera numucuko ntawundimugambwearota atari cndd fdd izotwarakugeza kumuhero iyomijatwohuranumwe nofungwanamukereyekukoagombakudusubizakuntwaroyabatutsinubugomebafisenkajebisobotsenotora20ntora pitagusa
16 Myandagaro 2016, 00:29, par NDIZEYE
mwarakoze cane kugira ico ciyumviro co kubagirira ikigongwe muragahorana uwo mutima
17 Myandagaro 2016, 15:47, par Olivier
Nn Abandi Bari Cafunzw? Nabonyen Nibasng Ubudasib Bazovaya Kuko Imana Ntiyovyemera
18 Nyakanga 2016, 20:29, par Nzisabira
Nibabagirere Ikigogwe Nabishe Umwanawimana Baragiriwe Ikigogwwo.Bibukeko Imana Ariyonkuru.
18 Nyakanga 2016, 20:46, par Montforo
Kubemera Uyumwaka Ni Umwaka Wikigogwe.!Tube Abanyakigogwe Nka Data.Yezu Ati Igikuru Murivyosi Ni Urukudo.Yezu,mariya,yozefu Batubere Mugoro.