IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya: Umukuru w’umugambwe MSD muri komine yarishwe n’abantu bitwaje (...)

Muramvya: Umukuru w’umugambwe MSD muri komine yarishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho

mercredi 30 Nyakanga 2015

Umukuru w’umugambwe MSD muri Komine ya Muramvya Jean Baptiste Nsengiyumva, yarishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 29 Nyakanga 2015.

Amakuru ava ngaho i Muramya amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zitatu n’igice aho uwo mukuru w’umugambwe MSD muri komine Muramvya yarasirwa imbere yaho asanzwe aba i Shombo muri komine ya Muramvya,aca aritaba Imana.

Abishe Ernest Nsengiyumva bagize umutego,bahejeje kumurasa baciye batera grenade kugira babuze aboza gutabara,imbere y’uko ikiziga bacigiza hirya yaho bamwiciye.

Ernest Nsengiyumva yari umwigisha kw ‘ishuri ryisumbuye rya komine ry’i Shombo,asize umupfakazi n’abana babiri.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Geza Aho! Aho Mwibaza Ngo, Abadashigikiye 3eme Mandat Bose, Muzobamara? Ariko Mumenye Ko Amaraso Ahuma. Imana Ntizobareka Ngo Mumare Abantu. Ubu Ko Mugeze Muba Generaux Kandi Aribo Bamaze Abantu Baganira Mwebwe, Ha! Nyamitwe. Uragowe Imbere Y’ Imana N’ Imbere Y’ Aantu Mumisi Iza.

  • Jewe ico mbona,nimuze abarundi twese dusenge Imana rugira vyos idutabare! Ijambo ry-Imana rivuga ko,uwicisha inkota acokwicishwa iyindi.

  • Ncutizimana murarabe neza iki nicagihe ciherezo cashitse go hazoba intambara n’impuha z’intambara matayo 24:6 rero uwoshaka yokwiyeza nn gabasha jewe nama nategeje udukura nkongera nkaca no kururubuga ntamusi waciwe n’imana ntokumva ko hapfuye umuntu yooo mbega yesu uzoza ryari uduhanagure ayamarira turimwo?yesu dufashe turageramiwe twebwe ubwoko bwawe.

  • MANA YACU FASHA BARUNDI KUKO BAMARANYE KARACIYINGANI ABANYEPORITIKE BATAVUGA RUMWE BACA BICANA!! MANA DUTABARE UBURUNDI BUGEZEKURE.

  • Ibihugu birimwo abatutsi bifise ingorane,muracavuga ngo kwicana,burya ubwo bwicanyi buzopfa buheze?Aho bashitse ni amaraso gusa aseseka,mwibaza ngo tubana n’abantu?Kubura abahutu mwige kwi defenda.

  • reka bicandi ariko ntawuzorusimba. kandamaraso ntaharirwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.