IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Imyiyerekano yagumye ikorwa no mu mvura

Nyakabiga : Imyiyerekano yagumye ikorwa no mu mvura

vendredi 8 Rusama 2015

Muri komine ya Nyakabiga abari mu myiyerekano barabandanya, n’aho akavura kazindukiyeko mu gisagara ca Bujumbura.

Abari mu myiyerekano muri komine ya Nyakabiga, bakaba bacunganywe ku kajisho n’abaporisi, aho vyavugwa ko hari abantu boba bagira baje gufatwa, inyuma y’aho hari umuntu yishwe abanje guturirwa, yiketswe ko ari Imbonerakure muri iyo komine. Abaporisi bagera kuri 40 bari mu bw’injiriro bw’iyo komine na cane cane mw’ibarabara rigabura Nyakabiga ya kabiri n’iya gatatu. Eka si aho gusa, kuko hari n’abasoda bagera kuri 20, nabo bacungereye umutekano w’abo bari mu myiyerekano.

Umuntu yishwe aho mu Nyakabiga abanje guturirwa, akaba yatumye ibintu bisa n’ibihinduye intumbero yaba mu mvugo za poritike canke ibindi. Bamwe bakabona ko ari akahitiye mu gihugu kagarutse, abandi bakabona ko ari umutego batezwe na Reta, mu gihe haguma hapfa abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano gusa, kandi bagapfa bishwe n’abaporisi canke urwaruka rw’Imbonerakure.

Agathon Rwasa arongoye umugambwe FNL wigenga hamwe n’urunani Amizero y’Abarundi, avuga ko ivyabaye muri iyo komine ya Nyakabiga, ari ingaruka mbi z’ivyama vyashitse, aho abantu bapfa muri Reta kakaba nk’akamizwe n’ingoma, Avuga ati :’’ Imbonerakure n’abaporisi bica abantu ntanahamwe umushikiranganji yigeze aja kuraba ababuze kugira ahmurizwe. Umwana w’imyaka 15 hamwe n’umusirikare w’igihugu bishwe n’abaporisi, ntibigeze baja guhumuriza, no ku maziko y’uwo mwana nta ntumwa ya Reta yahahonyoje ikirenge’’.

Abantu bariko bakora ivyo, n’ingaruka mbi z’ingendo y’umwana n’ikinono, iranga ubutegetsi bw’Uburundi nk’uko Agathon Rwasa abandanya abivuga.


Aristide Nizigire

Messages

  • nivyo nta na rimwe kuva bigitangura twari bwumve akava muri nduwimana, none ariyerekanye aho ahagze. eka bose nyene turababonye.

  • ntibiketse yari imbonera kure!!!Denis KARERA yavugiye kuri Radio BBC koyarumutware wimbonerakure mwikomine ariko rero vyatewe nagashavu ka bishwe mugitondo!!!

  • ntibiketse yari imbonera kure!!!Denis KARERA yavugiye kuri Radio BBC koyarumutware wimbonerakure mwikomine ariko rero vyatewe nagashavu ka bishwe mugitondo!!!

  • rekana nabo ba dd barahinvye mbega abamaze gupfa bangana gute!!! ko tutabonye bazana ivyo bitwe vyabo kwifatanya nimiryango yari yabuze!!!! Nukuri baraterana ishavu abo ba DD KANDI BARAFYINA N,iMANA IZOBAMARAMAZA JE NUNVA NO VOMISA IYO NDI KUBABONA TUGUMANE ..RWARUKA DUFATANE MUNDA NTIHAGIRE UDUCANISHAMWO PITER BUCA APFA

  • MIMI KWAMAO YANGU NAONA TU RAISI ANGE JIHUDHURU KWA KUEPUSHA MATATIZO YANAYO ENDEREA KUJITOKEZA NCHINI.

  • intabwirwa ibwirwa nukwamaso atukuye !nkurunziza niyibuke ivyo umutambukanyi wiwe yamuhanuye,ico mbona nuko yobasa nuwaborewe nubutegeci,uwambabaje nimusitanteri wacu hamwe naburamatari bakuye ngo nuko badashigikiye mandat ya 3 ARIKO NTAMVURIDAHITA BIZOHINDU,NIMUZE TWIZE UWADUSIZE KURIYISI GUKO NINAWE AZAHADUKURA.

  • mbega aboba dd baribaza ko uburundi ari ubwatwese?ubwo hoho barazi ko bazopfa ?guki mwicabo mudasangiye umugambwe?mwibazakwariyo democlasi?muzosigara muribaza ngwiyomwamenya bitagishoboka.

  • mbega aboba dd baribaza ko uburundi ari ubwatwese?ubwo hoho barazi ko bazopfa ?guki mwicabo mudasangiye umugambwe?mwibazakwariyo democlasi?muzosigara muribaza ngwiyomwamenya bitagishoboka.

  • Ivyobipfamatw vyaba dd imana iburirantivyumv bizokwibonerak icatumy igiker kitamer umuriz kuk iman ntiryigiturire bamenyeko abobapf bataremwe nab dd arabimana igihugunaco akeney sitong rishikir uwariwewes nagend gak gak nawenyen yibuk ko ivyagir imana ibibona

  • Ivyobipfamatw vyaba dd imana iburirantivyumv bizokwibonerak icatumy igiker kitamer umuriz kuk iman ntiryigiturire bamenyeko abobapf bataremwe nab dd arabimana igihugunaco akeney sitong rishikir uwariwewes nagend gak gak nawenyen yibuk ko ivyagir imana ibibona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.