IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Icegeranyo c’umunsi wa mbere w’imyerekano: Photos

Musaga: Icegeranyo c’umunsi wa mbere w’imyerekano: Photos

lundi 27 Ndamukiza 2015

Muri Komine Musaga hariko hashika abanyagihugu bavuye mu mitumba yo muri Bujumbura Rural, bavuga ko baje gufasha abandi. Ibarabara rizibije imiduga ishaje n’ama pneus ayandi bayaturira. Hafi ya Camp Muha naho aba porisi batewe amabuye barateba baromoka.

Kuva mu gitondo c’uno munsi wa mbere, abanyagihugu bo muri Komine Musaga bazindutse basubira mu myiyerekano. Hatanguye abavuye muri komine Kanyosha baciye kw’ibarabara rya 12 ryo mu Kinanira. Ubu rero ibirabara rya kabiri muri Komine Musaga rirazibiye. Rizibijwe umuduga ushaje n’ama pneus, abanyagihugu bavuye mu mitumba ihanamiye Musaga bamanutse gufasha bagenzi babo. Tubajije bamwe muri abo banyagihugu bavuga ko bariko biyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa Nshingiro n’amasezerano y’I Arusha vyakozwe n’umugambwe CNDD-FDD biciye kuri Pierre Nkurunziza ashaka kw’itoza mu kiringo ca gatatu. Bafise impapuro zanditse ko "Nous disons no au 3eme mandat".

Ivyo rero bije vyiyongera ku myiyerekano yabaye ku munsi w’ejo. Muri iyo Komine nyene ya Musaga, kuva kw’ibarabara riri inyuma ya Camp Muha gushika mu Kinanira hari huzuye abanyagihugu bahanganye n’aba polisi. Mu gitondo, abo ba polisi bagize ingorane zo gukoresha vya vyuka bikoroza amosozi kuko umuyaga wabigarukana muri bo bagaca bisubiza inyuma bonyene, abanyagihugu bagaca baronka inguvu. Amakuru yava muri bamwe mu ba polisi babwira abanyagihugu bari mu myiyerekano ko boreka gutera amabuye hama bakagira iyo myiyerekano uko bashaka, ariko hari n’abandi basa n’abafise ishavu mu maso. Aho ku Musaga nyene kw’ibarabara rya mbere n’irya kabiri, abanyagihugu bari bazibije ibarabara ibiti n’amabuye, baturira ama pneus. Harenganye umusoda baramukingira bonyene bamukomera amashi, eka bakamunezererwa. Aba polisi basunitse abanyagihugu canke bakabatera ivyuka bikoroza amosozi, baca biruka mu mazu canke mu tuyira duca hagati mu mazu.

Ivyo vyatera ingorane abapolisi kuko bobo baguma baduga hanyuma baba nyagihugu bagaca bagaruka hamwe abapolisi barenganye bakanabatera amabuye bahagaze inyuma yabo. Hagati y’irya mbere na kabiri harashwe umunyagihugu urusase rwo mw’izosi, ntiyapfuye ariko yavuye amaraso menshi, yatabarijwe n’abari mu muryango utabara imbabare (Croix Rouge), hari n’uwundi yarashwe mu kirenge.

Mu masaha y’umuhingamo, aba polisi baragwiriye cane, ariko abazindutse aho ntibari bwaronka n’amazi yo kunywa, bamwe muri bari batanguye kugwa hasi. Ico gihe nyene harafashwe abanyagihugu bagera kuri 26, barimwo abagore n’abana. Bamwe barira ko batari mu myiyerekano ahubwo bariko baronderera amata abana, kanatsinda ama duka yose yari yugaye. Muri uwo mwanya, imyiyerekano yariko ibera ku ma barabara ya kabiri na gatatu, aho aba polisi batewe amabuye menshi, vyavugwa kandi ko ikiduga cariko gitera ya mazi y’irangi cari cakamye.

Imyerekano yo muri Komine Musaga, yagiye guhera mu masaha ya cumi na zibiri z’ijoro. Ikindi n’uko havugwa ko Imbonerakure zo muri iyo komine zoba zagize inama, tutamenye ico yari igamije, bamwe bakavuga ko bashaka kwica bamwe mu bari myiyerekano ko n’amazina y’abicwa yamaze gutangwa. Ari amakuru twaronse mu gitondo, nta muntu n’umwe yatewe. Haraye abasirikare benshi cane.

JPEG
JPEG

Cherif Nkeshimana

Messages

  • MANA TURAGUSAVYUROKORE IGIHUCACUNKUKOWAROKOYE DANIELMUGWOBOGWINTAMBWE.

  • GUDAKUBITA IMBWA VYORORA IMISEGA....KOSORA ABO BAGESERA BASHAKA KUTUZANAMWO INTAMBARA TWARI TWITEKANIYE....!!!!AYO MABARABARA BAYAHIGAMWO IKI?
    ARIKO NIBAGIRE NABO NYENE NIBAZA BADASINZIRA NEZA KUKO INTAMBARA IHERA MURIBO IGAHERERA MURIBO.

  • BIRABABAJE KUBONA AMAKUNGU YIHOREYE ABARUNDI BARIKO BARICWA KANDI AMATEGEKO MPUZAMAKUNGU AREKURIRA AMAKUNGU GUTABARA IYO AGATEKA KA ZINAAA MUNTU KARIKO KARAHONYANGWA-IL N’YA PAS DE PRINCIPE DE SOUVERAINETE DE L’ETAT EN CAS DE VIOLATION MASSIVE DE DROIT DE L’HOMME,LA COMMUNAUTE INTERNATIONALE DEVRAIT INTERVENIR LE PLUS TOT POSSIBLE POUR PROTEGER LA POPULATION

  • ABARUNDI BATARABONA CANKE BATAZI INTAMBARA NIBO BABESHA URWARUKA NGO
    RUJE MWIBARABARA ARIKO NTIBABAHEREKEZE,RWARUKA VA MUMABARABARA INTAMBARA NIMBI.YICA BENSHI IGAKIZA BAKE.BABWIRE ABAHAMAGARA IMYIYEREKANO BAJE IMBERE.RONDERA INTSINZI MUGUHIGANWA

  • We wiyita Mihigo!!!!!!burya mwagiye mwibarabara ngo muzotabaza cominaute internationale????urambabaje kweli nagomba ndakubwire ko akataraza karahinda ubu hari abamwanka abamukunda natwe tugiye kuza turabe aho bizogera akaguma kanyu kararenze ubuho si 72,88,93,94,95 gushika 205 batwica nkimpene ??/ubu twarakanuye tuzohangana.

  • None nkayo ma photos asiguye iki?n’importe qoui,abatutsi murasara ,ariko ibisazi navyo biravugwa,ndabira izo mburakimazi mw’ibarabara,barakumbuye ku du pilla mu mazu ubona ivyo binebwe vyamenyereye kurya ivyo bitabiriye akuya,ayo maborogo yose nico avako,kera baja mw’ibarabar bagatahana imiduga n’ivyo bivye,ubu bariyereka bagataha uko bagiye,hihhiiiiii,ça doit etre dure pour ces anciens assassins de sans echecs!!!!!hahahahhhhha!!!!!!Reka mpebe ntwenge naho nopfa ntaco!

  • mpozenzi wewe uri umuhutukazi wa fc wa nsumirida twe aba Hutukazi bA VRAI TWA BAGAYE GOSE MURABA AMARONKO YANYU MUKARABA BA aDOLPHE MUKARABA BANDE NKURUNZIZA WABATU NTARIMWO ARATEGEKWA KANDI EJO AZOBA VICTIME KANDI WEWE NTASHAMBA WAGIYEMWO NAMBA WIGEZE GUTANGA SUPONSOR BAZA LE S FEMMES BO MU KINAMA TEKEREZA NO KRI BABATUTSI BARI BIGIZE IBIHANGANGE BARATEKEREJE

  • mpozenzi wewe uri umuhutukazi wa fc wa nsumirida twe aba Hutukazi bA VRAI TWA BAGAYE GOSE MURABA AMARONKO YANYU MUKARABA BA aDOLPHE MUKARABA BANDE NKURUNZIZA WABATU NTARIMWO ARATEGEKWA KANDI EJO AZOBA VICTIME KANDI WEWE NTASHAMBA WAGIYEMWO NAMBA WIGEZE GUTANGA SUPONSOR BAZA LE S FEMMES BO MU KINAMA TEKEREZA NO KRI BABATUTSI BARI BIGIZE IBIHANGANGE BARATEKEREJE

  • Birababaje kubona igihugu kirimwo démocratie abantu baburabuzwa ngo nuko bariko basgikiriza akababakiye ku mutima. Hagakorshwa igipolisi muguhonyanga agateka ka zina muntu.nkuko yakubahwa umukuru w’igihugu yarivuz:"uwuzotangur intambara izohera iwe ihrr iwe,n’IMANA yo mw’ijuru ibe icabona" ndashaka ko les DD babona ivyo bakoz

  • UWITEKA WE tabara abo baswa bihay’imihanda nabo nabawe.Rengera abana bato ,abakecuru n’ibimuga.Tabara ndagutabaje nkuko watabaye abanyarwanda 1994.mbisabye nizeye kandi ngishimira mw’Izina risumba amazina yose rya Yesu kristo Umwami n’Umukiza wacu Amen

  • UWITEKA WE tabara abo baswa bihay’imihanda nabo nabawe.Rengera abana bato ,abakecuru n’ibimuga.Tabara ndagutabaje nkuko watabaye abanyarwanda 1994.mbisabye nizeye kandi ngishimira mw’Izina risumba amazina yose rya Yesu kristo Umwami n’Umukiza wacu Amen

  • UWITEKA WE tabara abo baswa bihay’imihanda nabo nabawe.Rengera abana bato ,abakecuru n’ibimuga.Tabara ndagutabaje nkuko watabaye abanyarwanda 1994.mbisabye nizeye kandi ngishimira mw’Izina risumba amazina yose rya Yesu kristo Umwami n’Umukiza wacu Amen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.