IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Inzandiko zidateweko umukono zatowe ku mihana y’aba (...)

Musaga : Inzandiko zidateweko umukono zatowe ku mihana y’aba MSD

dimanche 14 Kigarama 2014

Abanywanyi b’umugambwe MSD muri komine ya Musaga bazindukiye kuri uwu w’Imana kwugariza ku biro vya komine Musaga basaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa. Ivyo bakaba babigize inyuma y’aho hatorewe imbere y’ingo za bamwe mu banywanyi ba MSD, inzandiko zidateweko umukono zibatera ubwoba.

Imbere y’imihana icenda y’abanywanyi ba MSD muri komine Musaga, hatowe inzandiko zidateweko umukono. Kuri izo mpapuro zari zanditswe n’imashine z’inyabwonko, amajambo yariko yavuga ati : Gupingura ibipinga, Gusubiza ku murongo abakijebajeba, Gusubiza inkoho bahawe na Alexis Sinduhije , n’ibindi. Abaserukira uwo mugambwe MSD muri komine Musaga bakaba bamenyesha ko izo nzandiko zifitaniye isano n’iterabwoba baguma bagirirwa n’Imbonerakure za CNDD FDD, izo nzandiko zikaba kandi zatowe ku mihana y’abanywanyi bafise amabanga bajejwe mu mugambwe. Abo banywanyi ba MSD bakaba baciye baja kwugariza ibiro vya komine Musaga, basaba ko umutekano wabo n’uw’abanyagihugu bose wokwubahirizwa.

Musitanteri wa komine Musaga, Alexandre Bigirimana amenyesha ko atokwihutira kuvuga ko ari iterabwoba ririko rikorerwa abanywanyi ba MSD, ahubwo agasigura ko bifitaniye isano n’amatora yimirije mu Burundi. Alexandre Bigirimana, musitanteri wa komine Musaga araremesha abanyagihugu arongoye, akavuga ko vuba agiye gutunganya inama y’umutekano kugira abahumurize.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aboba MSD yene Nibobavyanditse mwaya tumbero bihaye yokugira ntibamare imisi batavuze abitwa Imbonerakure, ngirango mwiyumviye komuvyobavuze kobaciye bashiramwo imbonerakure? Mbemubona harahovuabaye abantubarikubutegetsi bokora ibintinkivyo vyiterabwoba gayemwe? Ivyobirwanisho kuvuga mwahawe nashobuja Alexis ahobazobonera kobikenewe kuzakubirera ahobavyikeka muriwamugambi winyabutatu nambatari nyabune abanyagihugu bazoryakara mwibanya polisi isinzwe umutekano w’igihugu nabarundi maze izekumutaga ruhangabagabo bavyironderere ngirango muraziko basanzwe babikora. Imigambiyanyureroyose irazwi, mboneyeho noguzaba abanwanyi banyu kwamabirinze cane kuko MSD yarapanzeko izopfuma itanga ibitambo ikagenda ikagenda ikica umunwanyi (abanwanyi) bayo ikacisigaho ibintuvyibimenyetso vyerekana kwari Mbonerakure canke polisi yigihugu yabishe! Banywanyi ba MSD nabandibarimumigambwe imezenkawo muririnde abomuvuga ngomuhuje ibitekerezo, mwibuke ahohakurya yakanyaru 94 inkotanyi zatanze ibitambo kubatutai baribasanzwe bibera mugihugu mazebibafasha kwitwa kwaribihangange ngobahagaritse jonuside! Arivyojewe nububikintangaza wohagarika jonuside kandiyamazekuba?

  • WESHA TWAJE IYO BUMENYE UMWE BWARI IKINDI.AHO MWATEGUYE UMUGAMBI WOKUMARA ABA MSD NA OPPOSITION NGO NIBO BAZIYICIRA ABABO HAMA BAGIRIZWE IMBONERAKURE?URIGITO KWERI,BURYA NINDE ATAZIKO ABATARI BAKE MWIZOMBONERAKURI ARI ABICANYI?UNTAHURE SIMVUZE BOSE.SHA BAZICA BAMW ARIKO NTIBAZOBAMARA KDI UWUGUHENEYE NTUMUHENERE AKWITA IKIBURANYO.
    ABABIKORA BARAZWI INGERE IZOJA KUYINDI.

  • wewe wiyita twaje, ndagusavye ubanze ugende wige kwandika hanyuma ntiwibaze ko imbonerakure ziryoshe kuvuga na gato.

  • Iyo nterahamwe yiyita Twaje yandika ikirundi nabi akongera akavanga n’amajambo y’ikinyarwanda(ngo ibitekerezo?).

    Aba DD akazi kabananiye.

  • Vyimba canke mugire ukomushaka ntacomuhindura kuri jewe Mr.Twaje, muramenekera ubusa, niyongero muvuga ngomuzongerera muzorinda musezer’Isi bitabakundiye biramutsenaho bibakundiye mwese mwoherera mu Mpimba, Murumva canke ntimwumva igihugu carafashwe nabeneco.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.