Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Umuntu umwe arishwe mu myiyerekano
Musaga : Umuntu umwe arishwe mu myiyerekano
mercredi 13 Rusama 2015
Mu myirekano iriko ibera ku Musaga, abantu batanu barashwe n’abaporisi, umwe aciye yitaba Imana.
Muri iyo myiyerekano, yitabwe n’abantu benshi, barimwo abo mu makomine ya Musaga, Kanyosha, n’abo mu ntara ya Bujumbura Rural, igiporisi kibaka carahiye ko batarengane ngo binjire mu gisagara ca Bujumbura. Abo banyagihugu bo muri izo komine bankiwe gushika mu gisagara ca Bujumbura, imishamirano ikaba n’ubu iriko iraba, kuko nabo bashaka kwinjira mu gisagara hagati.
Iyo komine ya Musaga, ikaba ari imwe mu makomine yo mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu baho bagiye baraswa mbere bamwe bakitaba Imana, mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Aristide Nizigire
Messages
13 Rusama 2015, 12:13, par Aimable
MBE about bapolice nabigihugu canke nabumugabwe about barikurasa ntibava amaraso nkayabo bizobazwa umukuru wigihugu kuko niwe ateye izingorane zose.
13 Rusama 2015, 12:13, par Intakangwa
Ivyo vyose nikubera umuntu umwe.ariko uno musi itavyaye inyana ivyara ishuri
13 Rusama 2015, 12:16, par butungane
Sha byanke bikunde bazoruhuka bashitseyo
13 Rusama 2015, 13:51, par Mouflon
Rest In Peace my brother!Mbega inyuma y,ubu bwicanyi muriko murakora ga mwaba polisi muzojahe?karashize ingani UBURUNDI mubuhindure abatoire!!!Mukama hindura imitima y,aba polisi bamwe bamwe!Mureke guhendwa mufise imiryango kandi inyuma ya manifestation tuzobana ico nicogikuru
27 Rusama 2015, 15:21, par Franck Manirampa
Birakwiye Kwigiposisi Cokinjura Mugihugu Kuko Abarundi Twarambiwe Naco Ntakuntu Coguma Cica Abagitunze Bariko Barondera Uburyo Bwukuntu Bazogitunga Neza Muri Kazoza. Biragisha!! Kiragowe Ku MANA