IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umusore yari apfungiwe mu gasho ka komine Musaga yagandaguwe

Umusore yari apfungiwe mu gasho ka komine Musaga yagandaguwe

mercredi 15 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunyagihugu yahora apfungiwe muri zone Musaga yaraye yishwe, inkoho zibiri nazo zirafatwa aho nyene ku Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi bamenyesha ko uwo yishwe yari yafashwe kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko ari mu bahungabanya umutekano, akaba yahitanwe n’amasasu hagati y’abaporisi n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, nk’uko igiporisi kibisigura.

Emmanuel NAHIMANA ni umusore yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, akaba yari yafatiwe mu Gikoto, muri zone Musaga akekwa ko ari mu bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ariho igiporisi camukura mu gasho ka zone Musaga, Emmanuel NAHIMANA akaba yari yemeye ko agiye kwerekana ahari ububiko bw’inkoho mu Kinanira.

Umukuru w’ikirindiro co ku Musaga, OPP2 MANIRAMBONA Désiré asigura ko bashitse kw’ibarabara rya gatanu mu Kinanira, barashwe n’abantu bitwaje inkoho bari babategereye, igiporisi gica kirasana n’abo bantu, ayo masasu akaba ariyo yahitanye uwo musore Emmanuel NAHIMANA yari mu minwe y’abajejwe umutekano. Ku ruhande rw’abajejwe umutekano akaba atacononekaye.

Mu giporisi aho ku Musaga bavuga ko inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov zafashwe, abantu 25 nabo barahagarikwa mu gatando ko kuri uwu wa gatatu.

Aho kuri komine Musaga, mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, wari umubabaro n’amarira ku bantu bari baje kugemurira uwo Emmanuel NAHIMANA yaraye agandaguwe, mu muryango wiwe bakaba bari bazi ko agipfunzwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.