IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Umwe yishwe, uwundi arakomereka

Musaga : Umwe yishwe, uwundi arakomereka

jeudi 5 Rusama 2016, par egide

Abantu batamenyekanye barishe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu umunyagihugu umwe, hakomereka uwundi yaciye ajanwa kwa muganga, muri zone ya Musaga.

Uwagandaguwe yari azwi kw’izina rya Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE, abamwishe bakaba bamusanze hafi yo ku muhana iwe, baramurasa, aca yitaba Imana.
Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE asize umugore n’abana bane, akaba yari umunywanyi wa CNDD FDD, mu Mbonerakure.

N’uwarasiwe muri karitiye ya Gitaramuka, muri zone Musaga ariko akaba yarakomeretse, nawe yari Imbonerakure y’umugambwe CNDD FDD, nk’uko vyamenyeshejwe n’ababanyi biwe.

Igiporisi kikaba cazindutse kirahagarika abantu muri ivyo bibanza vyahungabanyemwo umutekano, abataramenyekana igitigiri akaba aribo batawe muri yompi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.