IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musigati : Abanywa inzoga zitemewe baragisibije

Musigati : Abanywa inzoga zitemewe baragisibije

mercredi 19 Munyonyo 2014

Igwizwa ry’abacungera umutekano ryatumye umutekano wifata neza kuruta muri komine ya Musigati iri mu ntara ya Bubanza, inyuma y’aho akarwi k’abasuma gasenyuriwe n’abajejwe umutekano.

Musitanteri wa komine ya Musigati Reveriyano Nkwezi akaba avuga ko abanyagihugu muri komine arongoye babanye neza, ariko ingorane akaba ari bamwe mu basuma biba mu mihana yo muri iyo komine co kimwe no mu mirima itandukanye. Nk’uko musitanteri abivuga, abiba akaba ari bamwe mu bantu usanga babanebwe abandi nabo bakaba batagira aho bakubita isuka. Musitanteri akabandanya avuga ko ikindi gituma amahoro muri iyo komine ajamwo agatosi, ari bamwe mu bihereza inzoga zitemwe n’amategeko, izo nazo abazihaze bakagirizwa guhungabanya umutekano.

Avuga ko n’umurwi w’abasuma wari wiyadukije wasenyuwe n’abaporisi bafashanije n’abanyagihugu. Abanyagihugu bo muri iyo komine akamenyesha kandi ko bitabira neza ibikorwa bibateza imbere yaba uburimyi ubworozi n’ibindi.

JPEG - 30.4 ko
Reveriyano Nkwezi musitanteri wa komine Musigati ( Foto le Renouveau)

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.