IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura - Cibitoke : Abanyagihugu biriwe mu masasu n’amagerenade

Mutakura - Cibitoke : Abanyagihugu biriwe mu masasu n’amagerenade

mardi 27 Gitugutu 2015, par egide

Amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye mu Cibitoke hagati ya Kamenge n’ibarabara bita Kurya KANYONI, kuva ku muhingamo ko kuri uwu wa mbere, gushika mw’ijoro amasasu akaba yari acumvikana. Intango ya vyose ni umuntu bivugwa ko ari umusazi yugarije ibarabara ry’umunani.

Hagati y’ibarabara ry’indwi n’iry’umunani muri zone ya Cibitoke, nk’igihe c’isaha zitanu z’umurango, haje umuntu aba mu Ngagara bivugwa ko adakomeye neza mu mutwe. Yari afise ikibugita kirekire, aca yugaza umusigiti wo mu Cibitoke kw’ibarabara ry’umunani. Abaporisi n’abasirikare baragerageje kumwaka iyo mbugita biranka, barasa amasasu menshi hejuru, ariko ntiyava aho ku bwinjiriro bw’umusigiti. Abaporisi bararashe kandi n’ivyuka bikoroza amosozi, ariko ntaco vyamugira.
Abajejwe umutekano baciye baguma ngaho bacunganye nawe, ibarabara bita irya Kanyoni ntiryaba rikirengana.

Ukwo gucungana kwavuyemwo ihungabana ry’umutekano

Nk’igihe c’isaha indwi z’umurango, urwamo rw’amagerenade abiri atewe rwarumvikanye, haca hakurikira amasasu menshi yarashwe mu mpande zose, abari bashengereye uwo muntu barashwiragira. Ayo masasu n’amagerenade vyarabandanije gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, bikavugwa ko uwo muntu yahavuye ahitanwa n’ayo masasu.

Karitiye ya Mutakura nayo nyene yahavuye ishikirwa, humvikanayo amasasu menshi n’amagerenade, amabarabara yompi arugarwa, iryo ku Mutakura bita irya Muzinda hamwe n’iryo mu Cibitoke bita irya Kanyoni.

Ivyononekariye muri ayo masasu n’amagerenade ntibiramenyekana, tukaza kubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.